11 Iguruka ivyagiye ku mukerubi, Mbere yabonetse igendera ku mababa y’umuyaga.
Nuko yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi, bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubugingo.
Dawidi ahagurukana n’abo bantu bose bari kumwe na we, baja i Bayali‐yuda gukūray’ isandugu y’Imana yitirirwa rya Zina, ari ryo zina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi.
Ushinga inkingi z’insenge zawe mu mazi; Uhindura ibicu umukogote ugenderamwo; Ugendera ku mababa y’umuyaga.
Nokwābīra amababa y’umutwenzi, Nkagerēra ku mpera y’ikiyaga;
Iguruka ivyagiye ku mukerubi, Mber’ igurukishwa vuba n’ amababa y’umuyaga.
Imikogote y’Imana n’ibihumbi cumi, ibihumi cumi, Mbere n’ibihumbi n’ibihumbi: Umwami Imana ari hagati yayo; Sinayi ur’ ahēra ho mu rusengero.
Ewe Mwungere w’Abisirayeli, tega ugutwi, Ni wewe urōngōra aba Yosefu nk’umukuku; Ewe uvyagira ku Bakerubi, kayangana.
Uhoraho arahangamye; amahanga ahinze agashitsi! Avyagiye ku Bakerubi; isi iranyiganyiga!
Kand’ umukerubi umwe abe mu mutwe umwe, uwundi abe mu wundi; kand’ abo bakerubi ubashamike kur’ uwo mutemere wo guhongerako mu mitwe yawo yompi, babe kimwe na wo.
Kand’ ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli bgari buvuye ku mukerubi aho bgahora, bushika mw itangaza ry’ irebe ry’ingoro: maz’ ihamagara uwo muntu yari yambaye impuzu zera, afise ka gahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako.
Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?
Nukw abantu batuma i Shilo, bakūray’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi, barayizana. Kandi bene Eli bompi, Hofuni na Finehasi, bazanana n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana.