Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Yandaza ijuru, na yo nyene iramanuka, Umwiza w’umuzitanya wari musi y’ibirenge vyayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:10
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Salomo araheza aravuga, at’ Uhoraho yavuze kw azokwibera mu mwiza w’umuzitanya!


Ushinga inkingi z’insenge zawe mu mazi; Uhindura ibicu umukogote ugenderamwo; Ugendera ku mababa y’umuyaga.


Andāza ijuru ryawe, Uhoraho we, nawe wimanukire: Ukore ku misozi, ifumbe umwotsi.


Ibicu n’umwiza biramukikije: Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yiwe ihagazeko.


Ku musi ugira gatatu mu gatondo haba imituragaro n’imiravyo, n’igicu c’igipfungu kizitanye kur’ uwo musozi, humvikana n’ijwi ry’inzamba rirengēra cane; abantu bose bar’ aho bashagaje bahinda agashitsi.


Nukw abantu baguma ngaho aho bahagaze kure, ariko Mose yegera wa mwiza w’umuzitanya ah’ Imana iri.


Twahindutse nk’abatigeze kuganzwa nawe, nk’abatigeze kwitirirwa izina ryawe.


Uhoraho ateba kuraka, kand’ afise ububasha bginshi, ntatsindanishiriza na gatoya abo gutsindwa; inzira y’Uhoraho ica mu gashururu no mu kirura, kand’ ibicu ni wo mukungugu utumurwa n’ibirenge vyiwe.


Uhereye kw isaha ya gatandatu ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose gushitsa kw isaha y’icenda.


namwe mukaza, mugahagarara musi ya wa musozi warik’ urāka umuriro w’imbeya zishika mw ijuru, wubikijek’ umwiza n’igicu c’igipfungu n’umuzimagiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ