Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 22:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Dawidi yabariye Uhoraho amajambo yo mur’ iyi ndirimbo, umusi Uhoraho yamurokoye, akamukūra mu maboko y’ abansi biwe bose, no mu ya Sauli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 22:1
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Natani abarira Dawidi, at’ Ereg’ uwo muntu ni wewe nyene. Uhoraho Imana y’Abisirayeli avuze, ati Ni jewe nakwimikishije amavuta ng’ube umwami w’Abisirayeli, ndagukiza, ngukūra mu maboko ya Sauli;


Inkūra mu babisha banje: Mber’ unshira hejuru y’abampagurukira, Unkiza n’umuntu w’ikirara.


Kur’ uwo musi Dawidi ni ho yatanguriye gushinga ko Asafu na bagenzi be ari bo baririmba batazira Uhoraho.


Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, Arik’ Uhoraho ayamukiza yose.


Uz’ ushikanire Imana ikimazi co gukenguruka; Īsumba vyose uyishitsekw amasezerano yawe.


Maze Mose n’Abisirayeli baririmbira Uhoraho iyi ndirimbo, bati Ndaririmbira Uhoraho, kukw ari n’intsinzi y’agahebūza. Ifarasi n’ūyigenderako yabinuze mu kiyaga.


yadukijije urupfu rukomeye rurtyo, kand’ izodukiza; ni yo twizigira yukw izokwama irudukiza,


Nuko Mose avugira mu matwi y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli amajambo y’iyi ndirimbo, gushitsa ah’ ayarangirije.


Umwami wacu azonkiza ibibi vyose bangirira, azondokora kugira ngw anjane mu bgami bgiwe bgo mw ijuru. Icubahiro kibe iciwe, ibihe bitazoshira. Amen.


Kur’ uwo musi Debora na Baraki mwene Abinowamu bararirimba,


Nuko Dawidi aba mu masenga yo mu bugaragwa, aguma mu mugamba wo mu bugaragwa bg’i Zifu. Sauli akāma amurondera uko bukeye, arikw Imana ntiyamugabura mu maboko yiwe.


None rer’ Uhoraho n’abe umucamanza, aducīre urubanza twe nawe, n’avyitegereze, ambūrane, ankūre mu maboko yawe.


Kandi nah’ abantu bagukūriye hasi ngo baguhīge, bakwice, ubugingo bgawe buzokwama butēkeye mu mutēkero w’abariho ufiswe n’ Uhoraho Imana yawe, mugenzi: kand’ ubugingo bg’abansi bawe azobushibura nk’ibuye ritewe n’ umugozi.


Kandi nk’ukw amagara yawe yabaye agakomeye kuri jewe uyu musi, az’ abe ari kw ayanje aba agakomeye k’Uhoraho, ankize amagorwa yose.


Maze Dawidi yiyumvira mu mutima, at’ Umusi munaka, Sauli azoteba anyice; nta cosumba ko nohungira mu gihugu c’ Abafilisitiya, Sauli akampebūra, ntasubire kundondera mu gihugu cose c’Abisirayeli; uko ni ko noba ndamukize.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ