Dawidi yishura Mikali, at’ Uhoraho ni we nariko ndiyereka, kandi ni we yantoranije kuruta so n’ab’ inzu yiwe bose, akangira segaba w’abantu biwe b’Abisirayeli. Ni co kizotuma niyereka Uhoraho.
ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,
Uko ni ko Nawomi yagarukanye na Rusi Umunyamowabukazi umukazana wiwe, bavuye mu gihugu c’i Mowabu: bashika i Betelehemu mw itangura ry’igenya rya sayiri.
Maze Samweli aramubgira, ati Nk’ukw inkota yawe yagira abagore imbura, ni ko na nyoko abaye imbura mu bandi bagore. Nuko Samweli amuhimbagurira imbere y’Uhoraho i Gilugali.