Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Arik’ umwami Dawidi arēngāna Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli, kubg’ indahiro bārahiriye imbere y’ Uhoraho, bo na Yonatani nyene, mwene Sauli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:7
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ umwami abarira Ziba, at’ Ehe rāba, ivyar’ ivya Mefibosheti vyose ndabikugabiye. Ziba aramwishura, ati Ndagukūriye ubgatsi, mwami wanje nyen’ ingoma; urakāma untonesha.


Nukw avuye i Yerusalemu gusanganira umwami, umwami aramubaza, ati Mbega n’iki cākubujije kujana nanje ga Mefibosheti?


Kandi Yonatani mwene Sauli yar’ afise umwana yamugaye ibirenge. Igihe imbitsi yaza ivuye i Yezireli kubika Sauli na Yonatani, uwo mwana yar’ amaze imyaka itanu avutse; maz’ umurezi wiwe aramuhitana, arahunga; akinyaragasa ahunga, aramukorokana, yikubita hasi, aca amugara. Nya mwana yitwa Mefibosheti.


Bukeye Dawidi arabaza, ati Mbega har’ agasigarira mu nzu ya Sauli koba kakiriho, kugira ngo ndamugirire neza kubga Yonatani?


Nawe uz’ uhore umurimira, mwe n’ abahungu bawe n’abantu bawe, mumushikirize imyimbu, kugira ngo mwene shobuja az’ ahore abona ibimutunga. Ariko Mefibosheti mwene shobuja ubgiwe azohora arīra ku meza yanje na ntaryo. Kandi Ziba yar’ afise abahungu cumi na batanu n’abantu atunze mirongwibiri.


Nuko Mefibosheti mwene Yonatani umwuzukuru wa Sauli arenguka imbere ya Dawidi; akubita inkoro hasi, aramwunamira. Maze Dawidi aravuga, ati Mefibosheti! Aritaba, ati Sabge!


Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.


Ndakugīriye inama: witondere icagezwe c’umwami, nk’uko wabirahiye Imana.


Bukeye Yonatani asezerana isezerano na Dawidi, kuko yar’ amukunze nk’uko yikunda.


Nuko Yonatani abarira Dawidi, at’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli ni we cabona; ejo nk’aya mango, canke hirya y’ejo, nzoba nāmaze gucaca data; maze ni nasanga akuvuga neza, nzoca ngutumako, ndabikumenyeshe.


na ho ni napfa, na ho nyene ntuz’ ukūre imbabazi zawe ku nzu yanje gushitsa ibihe vyose, eka mbere gushitsa ah’ Uhoraho azoba ahejeje kurandura abansi bawe bose kw isi.


Nuko Yonatani yongera kurahiza Dawidi kubg’ urukundo yamukunda, kuko yamukunda nk’uko yikunda.


Maze Yonatani abarira Dawidi, ati Genda amahoro, ko twarahiye mw izina ry’Uhoraho, tukavuga, tut’ Uhoraho azoba hagati yacu no hagati y’ uruvyaro rwacu gushitsa ibihe vyose. Nuko Dawidi arahaguruka aragenda; Yonatani na we asubira mu gisagara.


Nuko rer’ ungirire neza, jewe umusavyi wawe, kuko wansezeraniye isezerano imbere y’Uhoraho. Ariko namba har’ igicumuro mfise, n’unyiyicire ubgawe: n’iki cotuma urinda kunshīra so?


Bompi baraheza basezeranira isezerano imbere y’Uhoraho; maze Dawidi yigumira i Horeshi, Yonatani asubira i we.


Nuko Dawidi aramurahira. Sauli araheza yisubirira i we, Dawidi n’ingabo ziwe baradūga baja mw isenga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ