6 ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.
Umukuru yari Ahiyezeri, uwa kabiri kuri we ni Yowasi, kandi bari bene Shemaya w’i Gibeya; na Yeziyeli na Peleti, bene Asumaveti, na Bereka na Yehu w’i Anatoti;
Na we umwami w’i Hayi amumanika ku giti gushitsa ku mugoroba; maze ku kirengazuba Yosuwa abarira abamanura umuvyimba wiwe ku giti, bawuterera imbere y’irembo ry’igisagara, bawurundakw ikirundo kinini c’amabuye; kiracariho na bugingo n’ubu.
Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?