Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ni muduhe abantu ndwi mu bahungu biwe, tubamanike imbere y’Uhoraho i Gibeya, ahāri kwa Sauli uwo Uhoraho yatoranije. Umwami arabishura, ati Nzobabaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:6
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

imisi itatu itarashira, Farawo azokubohora akumanike, ibisīga bikugabangane.


maz’ amanika wa musukūzi mukuru, nk’uko Yosefu yabasobanuriye inzozi zabo.


Ariko Ahitofeli abonye ko batemeye inama yiwe, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, afata inzira ataha i muhira mu gisagara c’i wabo; araheza aroranya ivyo mu rugo rwiwe, aca yiha umugozi. Nukw arapfa, bamuhamba mu mva ya se.


Maz’ umuntu arabibona, abibgira Yowabu, at’ Erega nabonye Abusalomu yenena ku giti c’umweloni.


kukw abo mu rugo rwa data twese imbere yawe twār’ abo gupfa gusa; uraheza jewe umusavyi wawe unshira mu barīra ku meza yawe. None har’ ikindi novuga ngo ngutakambire ga mugenzi?


Umukuru yari Ahiyezeri, uwa kabiri kuri we ni Yowasi, kandi bari bene Shemaya w’i Gibeya; na Yeziyeli na Peleti, bene Asumaveti, na Bereka na Yehu w’i Anatoti;


Kandi nshinze itēka, k’umuntu wese azohindura iri bgirizwa, bazositura inkingi mu nzu yiwe, bayishinge bayimumanikeko, kand’ inzu yiwe bayihindure ikirundo c’isakamburira bamuhoye ivyo.


abo bose ukw ar’ icumi bishe, bāri bene Hamani umwansi w’Abayuda, mwene Hamedata; ariko ntibākojeje ukuboko kwabo kw isahu.


Aterera izo ntete z’ifeza ahēra h’urusengero, aragenda, arīmanika.


Hanyuma bayisaba umwami, Imana ibaha Sauli mwene Kishi, umugabo wo mu muryango wa Benyamini, amara ku ngoma imyaka mirongwine.


Umuntu ni yakora icaha gikwiye kumwicisha, bakamwica, mukamumanika ku giti;


Hanyuma Yosuwa afata abo bami, arabica; araheza abamanika ku biti bitanu: basigara ngaho bēnēna kur’ ivyo biti gushitsa ku mugoroba.


Na we umwami w’i Hayi amumanika ku giti gushitsa ku mugoroba; maze ku kirengazuba Yosuwa abarira abamanura umuvyimba wiwe ku giti, bawuterera imbere y’irembo ry’igisagara, bawurundakw ikirundo kinini c’amabuye; kiracariho na bugingo n’ubu.


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


Maze Samweli abarira abantu bose, ati Mbega murabona uw’ Uhoraho yatoranije, kw ata wuhwanye na we mu bantu bose? Abantu bose bashira akamo hejuru, bat’ Umwami n’ahangame.


Sauli na we arītāhira, aja i muhira i Gibeya, acagatiwe n’abantu b’abahizi, abo Imana yakoze mu mitima.


Nukw intabaza zishitse i Gibeya ho kwa Sauli, zibarira abantu uko bibaye; abantu bose baraturikisha, bararira.


None rero ndahira Uhoraho k’utazorandura uruvyaro rwanje, kandi k’utazozimiriza izina ryanje mu nzu ya data.


Nuko Dawidi aramurahira. Sauli araheza yisubirira i we, Dawidi n’ingabo ziwe baradūga baja mw isenga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ