Bukeye hongera kuba intambara i Gati, kandi hariy’ umuntu muremure w’ikigambati, yar’ afise indegeya ku ntoke no ku mano: intoke n’amano vyose na vyose vyari mirongwibiri na bine; kandi na we yar’ umwe wo mu Barefa.
Yonatani se wabo wa Dawidi ni we yar’ umujanama, kandi yar’ umuntu w’umunyabgenge, yari n’umukarani; Yehiyeli mwene Hakimoni ni we yarera abana b’ umwami;