Bukeye hongera kuba intambara i Gati, kandi hariy’ umuntu muremure w’ikigambati, yar’ afise indegeya ku ntoke no ku mano: intoke n’amano vyose na vyose vyari mirongwibiri na bine; kandi na we yar’ umwe wo mu Barefa.
Sibekayi Umuhushati wo mu ba Zerahi, ni we yar’ umugabisha agira umunani wo mu kwezi kw’umunani; ingabo zo ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.