Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aramutabara, asogota uwo Mufilisitiya, aramwica. Maz’ abantu ba Dawidi baramurahira, bati Ntuzosubira na mba kujana natwe mu ntambara, ntuz’ uhave uzimya itara ry’Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:17
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Non’ abaryango bose bankūriye hasi, jewe incoreke yawe, ngo ni ntange uwishe mugenzi we, kugira ngo bamuhōre uwo yishe; bakagomba kwica n’uwotoye umwandu; uko ni ko bagira bazimye agakara nari nsigaranye, ngo ntibasigarize umugabo wanje izina cank’ imbuto kw isi.


Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana.


Ingabo ziramuhakanira, bat’ Eka ntiwojana natwe; kuko naho tworamuka duhunze, ntibobibabara, canke hapfuye kimwe ca kabiri cacu, na ho nyene ntibibishirak’ umutima; ariko wewe urengeye abantu ibihumbi cumi bo muri twebge. Icoba ciza n’uko wokwitegura kudutabara uvuye mu gisagara.


Bari bantanze imbere ku musi w’amagorwa yanje, Arik’ Uhoraho ni we yambereye ubgishimikizo.


Kukw ari wewe tara ryanje, Uhoraho; Uhoraho ni we yākira umwiza wanje.


Ngo Yamar’ uwo mwana wiwe azomuha umuryango umwe, ngo Kugira ng’ umusavvi wiwe Dawidi az’ ahorane itara imbere yiwe i Yerusalemu, ngo Wa murwa yitoranirije ngw ahashire izina ryiwe.


Yamar’ Uhoraho Imana yiwe amuha itara i Yerusalemu, kuko yamuhaye umwana wo kumusubirira ku ngoma, atuma n’i Yerusalemu hahangama kubga Dawidi;


Ni ho nzotuma ihembe rya Dawidi rimera, Uwo narobanuje amavuta nkamutegurira itara.


Ni wewe uha abami agakiza: Kiza Dawidi umusavyi wawe inkota yica.


Imana ni yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, N’umufasha atabura guseruka mu magorwa.


Maze Yohanani mwene Kareya abaririra Gedaliya mu mpisho i Mizipa, ati Ndekura ndakwinginze, nje kwica Ishimayeli mwene Netaniya; nta muntu azobimenya: mbega yokwicira iki, Abayuda bose batororokaniye kuri wewe bagasubira gusanzara, amasigarira y’i Buyuda agahona?


Uwo yar’ itara ryaka rikabonesha, kandi namwe mwamaze igihe muhimbawe n’ukwaka kwiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ