Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maze Ishubi‐benobu, umwe wo mu bana b’Abarefa, yagomba kwica Dawidi; kand’ icumu ryiwe ryar’ iry’ umuringa ririvye shekeli amajana atatu, yari yambaye n’inkota nsha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:16
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko mu mwaka ugira icumi na kane Kedolawoma n’abami bīfatanije na we ni kwo kuza, bazingazingira Abarefa muri Ashiteroti‐karunayimu, n’Abasuzi i Hamu, n’Abemi i Shave‐kiriyatayimu,


Mur’ ico gihe hār’ibigatanya mw isi, no mu gihe co hanyuma, abana b’Imana bamaze kurongora abakobga b’abantu, bakavyarana na bo abana: ni bo ba bahizi ba kera bābaye ba rurangiranwa.


Hanyuma y’ivyo hongera kuba intambara yo kurwana n’Abafilisitiya i Goba. Sibekayi Umuhushati yica Safu, umwe wo mu Barefa.


Bukeye hongera kuba intambara i Gati, kandi hariy’ umuntu muremure w’ikigambati, yar’ afise indegeya ku ntoke no ku mano: intoke n’amano vyose na vyose vyari mirongwibiri na bine; kandi na we yar’ umwe wo mu Barefa.


Abo bose ukw ari bane bar’ abo mu Barefa b’i Gati; bicwa na Dawidi n’abantu biwe.


Kand’ abo Bafilisitiya bari baje, basagaza ku mwonga Refayimu.


Mu kudūga bari baciye i Negebu, bashika i Heburoni; Ahimani na Sheshayi na Talumayi, abākomōtse kuri Anaki, ni ho bāba. Kand’ igisagara c’i Heburoni cari kimaze imyaka ndwi cubatswe, igihe Sowani ho muri Egiputa hubakwa.


Mugabo, abantu baba mur’ ico gihugu n’abahizi, kand’ ibisagara vyaho bizitijwe inzitiro z’amabuye, kandi ni binini‐binini cane; eka mbere twabonyey’ Abānaki.


Muti None tudūga tuja hehe? Muti Bagenzi bacu ko baturanduye imitima, ngw Abantu baho ni banini, kandi baradusumba; ngw Ibisagara vyabo ni binini, bizitijwe inzitiro z’ amabuye zigera mw ijuru; ngo Mbere babonyeyo n’Abanaki.


(Kera Abemi ni bo bāba aho hantu; bār’ ihanga rikomeye, ry’abantu benshi kandi barebare, nk’ukw Abanaki bameze;


bāvuga kw ar’ Abarefa nk’uko bāvuga Abanaki; arikw Abanyamowabu babita Abemi.


bar’ ihanga rikomeye, ry’abantu benshi kandi barebare, nk’ukw Abanaki bameze; arik’ Uhoraho arabatikiza, Abamoni binjira igihugu cabo, begukira ahantu habo;


(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)


n’ abantu banini barebare, ni bo Banaki, nk’uko mubazi, kandi mwarumvise babavuga, ngo Ni nde yohagarara Abanaki imbere?


Ntihagira n’umwe wo mu Banaki asigara mu gihugu c’Abisirayeli, atari bamwe‐bamwe basigaye i Gaza n’i Gati n’i Ashidodi.


Maze Kalebu ahīrukana bene Anaki batatu, Sheshayi na Ahimanu na Talumayi; abo ni bo bene Anaki.


Uruti rw’icumu ryiwe rwāngana n’umwaro ujishirwakw impuzu, icumu ubgaryo ryar’ iryo mu vyuma, ryari ririvye shekeli amajana atandatu; kand’ uwamutwaza inkinzo yaja imbere yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ