Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Bukeye Abafilisitiya bongera gutera Abisirayeli. Dawidi amanukana n’ingabo ziwe, arwanya Abafilisitiya; arateba araruha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:15
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Ishubi‐benobu, umwe wo mu bana b’Abarefa, yagomba kwica Dawidi; kand’ icumu ryiwe ryar’ iry’ umuringa ririvye shekeli amajana atatu, yari yambaye n’inkota nsha.


Maz’ Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yimikishijwe amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, Abafilisitiya bose baradūga baja kumuhīga. Dawidi avyumvise aramanuka aja mw isenga.


Bukeye Abafilisitiya basubira kudūga ubugira kabiri, basagaza ku mwonga Refayimu nyene.


Nuko Dawidi abigenza artyo, nk’uk’ Uhoraho yamubariye; akinagiza Abafilisitiya uhereye i Geba ugashitsa i Gezeri.


Hanyuma y’ivyo Dawidi anesha Abafilisitiya, abamara igabo, atsinda igisagara cabo gikuru, arakibanyaga.


Hanyuma y’ivyo haba intambara yo kurwana n’Abafilisitiya i Gezeri. Sibekayi Umuhushati yica Sipayi, umwe wo mu Barefa: baca barajongoroka.


Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; Ntarabarira ab’ igihe kizoza amaboko yawe, Ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.


Ntunte mu gihe c’ubutāma, Ntumpebe mu gihe intege zanje zishize.


Umubiri wanje n’umutima wanje bishira umunywera, Arikw Imana ni yo gitandara umutima wanje uhungirako, kandi ni yo mugabane wanje ibihe vyose.


ku musi abazigamyi b’inzu bazotetemera, kand’ abanyenkomezi bakabunda, abasya bagasigaho kuko babaye bake, kand’ abarungurukira mu madirisha bagahuma;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ