Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Nuko bahamba ayo magufa ya Sauli na Yonatani umuhungu wiwe i Sela mu gihugu c’Ababenyamini, mu mva ya Kishi se wa Sauli; nuko bashitsa ivy’ umwami yababariye vyose. Hanyuma y’ivyo Imana ibona guhangaza ico gihugu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:14
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Akūray’ ayo magufa yabo, maze bakoranya n’amagufa ya ba bandi bamanitswe.


Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ibimazi vy’ishimwe. Nuk’ Uhoraho abona guhangaza ico gihugu, ikīza kirabogozwa mu Bisirayeli.


Nuko Abuneri bamuhamba i Heburoni, umwami araturikisha aririra ku mva ya Abuneri; abantu bose bararira.


Maze Dawidi abarira imisore yamugendanira, barabīca, babaca ibikonjo n’ibirenge, babamanika i ruhande y’ikidengeri c’i Heburoni. Arik’ umutwe wa Ishibosheti barawābīra, bawuhamba mu mva ya Abuneri i Heburoni nyene.


Nuko baterura Yona, bamuta mu kiyaga; ikiyaga kireka gusuriranya.


Maz’ arampamagara, arambarira, ati Rāba, ariya agiye mu gihugu c’i burārūko yaruhuye umutima wanje ku vy’ico gihugu c’i burārūko.


rizomubera isezerano ry’ubuherezi bg’intahava, bo n’uruvyaro rwiwe, kuko yagize ifūhe kubganje, jewe Imana yiwe, agatangira Abisirayeli impongano.


akurikira wa mugabo w’Umwisirayeli haruguru mw ihema ryiwe, abatobekeranisha icumu bompi, wa mugabo w’Umwisirayeli na wa mugore, umugore rimutobekeranya mu nda. Uko ni kw ikīza cābogojwe mu Bisirayeli.


na Sela na Elefu na Yebusi (ari ho Yerusalemu) na Gibeyati na Kiriyati: ivyo bisagara vyose na vyose vyar’ icumi na bine, bifise imihana ibikūkira. Iyo ni yo shamvu y’Ababenyamini, nk’ukw amazu yabo ari.


Baraheza bamurundakw ikirundo kinini c’ amabuye: kiracariho na bugingo n’ubu. Maz’ Uhoraho arigarura, uburake bgiwe bg’inkazi burahwama. Ni co catumye izina ry’ aho hantu hitwa Ikiyaya Akori na bugingo n’ubu.


Uyu musi ni twamara gutandukana, uja gusanga abantu babiri hafi y’ imva ya Rakeli ku rubibe rw’Ababenyamini i Selusa; kandi barakubarira, bat’ Indogoba wari wagiye kurondera zarabonetse, bati Kandi so asigaye ahagarikiye umutima wewe kuruta izo ndogoba, avuga ngw ivy’ umwana wiwe yobigenza ate?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ