Dawidi araheza aragenda yaka abantu b’i Yabeshi‐gileyadi amagufa ya Sauli n’aya Yonatani umuhungu wiwe, ayo bāri bārīvye mu kibuga c’i Beti‐shani, ah’ Abafilisitiya bari barayamanitse, kuri wa musi bātsinda Sauli i Gilibowa.
Nuko bahamba ayo magufa ya Sauli na Yonatani umuhungu wiwe i Sela mu gihugu c’Ababenyamini, mu mva ya Kishi se wa Sauli; nuko bashitsa ivy’ umwami yababariye vyose. Hanyuma y’ivyo Imana ibona guhangaza ico gihugu.