Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Dawidi araheza aragenda yaka abantu b’i Yabeshi‐gileyadi amagufa ya Sauli n’aya Yonatani umuhungu wiwe, ayo bāri bārīvye mu kibuga c’i Beti‐shani, ah’ Abafilisitiya bari barayamanitse, kuri wa musi bātsinda Sauli i Gilibowa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:12
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yemwe misozi y’i Gilibowa, Ntihagatonde ikime kuri mwebge, canke ngo hagwe imvura, Ntihakamere imirima ngo baronkek’ umushuzo w’amashikanwa! Kuko kuri mwebge ari ho inkinzo y’umuhizi yashiburiwe, Ni yo nkinzo ya Sauli, itazosīgwa amavuta ukundi.


Nya muhungu amubikiye aramwishura, ati Nariko ndihitira, nshitse ku musozi Gilibowa, ngize ntya mbona Sauli yishimikije icumu, kandi mbona asugerejwe n’imikogote n’abagendera ku mafarasi.


Bukeye abantu b’i Buyuda baraza, bahimikira Dawidi bamusutsekw amavuta, ngw abe umwami w’ umuryango w’Abayuda. Bukeye babarira Dawidi, bat’ Ab’i Yabeshi‐gileyadi ni bo bāhamvye Sauli.


Maze babarira Dawidi ivyo Risipa yakoze, umukobga wa Aya, incoreke Sauli yari yaragize umugore.


Akūray’ ayo magufa yabo, maze bakoranya n’amagufa ya ba bandi bamanitswe.


Nukw Abafilisitiya batera Abisirayeli, Abisirayeli barabahunga, bahindikirana ku musozi Gilibowa.


abahizi bose barahaguruka, bakūrah’ umuvyimba wa Sauli bo n’iy’ abahungu biwe, bayijana i Yabeshi, bahamba amagufa yabo musi y’igiti c’ umweloni i Yabeshi nyene, baca barisonzesha kumara imisi ndwi.


Bukeye bgaho, Abafilisitiya baje gukoba imivyimba, basanga Sauli n’abahungu biwe barambaraye ku musozi Gilibowa bapfuye.


Kand’ Abamanase ibisagara bāhāwe mu bg’Abisakari no mu bg’Abasheri ni vy’ ibi: Beti‐sheyani na Ibuleyamu n’ababa i Dori n’ababa i Endori, n’ababa i Tanaki n’ababa i Megido, bo n’udusagara tugenda tuhakūkira; iyo ni yo misozi itatu ihagaze.


Nukw Abafilisitiya barakorakorana, baraza basagaza i Shunemu; Sauli na we akoranya Abisirayeli bose, basagaza i Gilibowa.


Nukw Abafilisitiya batera Abisirayeli, Abisirayeli barabahunga, bahindikirana ku musozi Gilibowa.


Urubgamba rusugereza Sauli, abanyamiheto bamushingiriza imyampi, bamurandura umutima.


Maze Sauli abarira ūmutwaje ibirwanishwa, ati Sokōra inkota, uyinsogote, zirya ntakebga zoye kunshikīra ngo zinsogote, zinshinyagurire. Arik’ ūmutwaje ibirwanishwa aranka, kuko yari yagize ubgoba bginshi. Sauli ni kwo gufata iyiwe nkota, ayīsukako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ