Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Maze Risipa umukobga wa Aya ahitana amagunira, ayīsasira ku gitandara, ahēra mw ishuza ry’ igenya, ashitsa ku mutasuro, imvura iguye kur’ iyo mivyimba; ku murango ntiyakundira ibisīga vyo mu kirēre ko biyigwako, canke mw ijoro kw ibikōko vyo mw ishamba biyēgēra.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:10
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

imisi itatu itarashira, Farawo azokubohora akumanike, ibisīga bikugabangane.


Maze babarira Dawidi ivyo Risipa yakoze, umukobga wa Aya, incoreke Sauli yari yaragize umugore.


Kandi Sauli yar’ afise incoreke yari yaragize umugore, yitwa Risipa, umukobga wa Aya; bukeye Ishibosheti abaza Abuneri, ati N’iki catumye winjirana muka data?


Maze Ahabu yumvise ayo majambo, aca yitantamurirakw impuzu ziwe, yambara amagunira, arisonzesha, aryama mu magunira nyene, agenda yifumbereje.


Mu bigirwamana vy’imburakimazi vy’ amahanga har’ ivyoshobora kurekura imvura? Cank’ ijuru ubgaryo ryoshobora kurekura iy’ umurindi? Mbeg’ ūbishobora si wewe Uhoraho Mana yacu? Ni co gituma tukwitega; kukw ari wewe waremye ivyo vyose.


Muzogwa ku misozi y’i Bgisirayeli, mwe n’ ingabo zawe zose, n’amahanga ari kumwe nawe: nzokugaburira ibisīga vy’amero vy’amoko yose, n’ ibikōko vyo mw ishamba ngo bikugabure.


Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.


Ewe kuntu amatungo yābagirana! Amasho y’inka aragangaraye, kukw ahebuye ubgatsi; mbere n’imikuku y’intama iragowe.


Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere.


Uhoraho abe ari we musaba imvura ngw igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo; na we azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima.


igihugu canyu azokirekurira imvura mu bihe vyayo, imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, kugira ngo mubone kwimbura amasaka yanyu n’inzabibu zanyu za vino n’imyelayo yanyu y’amavuta.


akūre impuzu yanyaganywe, agume mu rugo rwiwe, amare ukwezi kwose agandariye se na nyina; hanyuma abone kumwābīra, babane.


Umuntu ni yakora icaha gikwiye kumwicisha, bakamwica, mukamumanika ku giti;


umuvyimba wiwe ntuz’ urāre kur’ ico giti, ariko ntimuze mubure kumuhamba kur’ uwo musi nyene: kuk’ ūmanitswe ku giti arik’ umuvumo w’Imana; nuko mumuhambe, kugira ngo ntimwanduze igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye kw ishamvu.


Uwo Mufilisitiya abarira Dawidi, ati Ngwino nkubāgire ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo mw ishamba!


Uyu musi Uhoraho arakugabuye mu maboko yanje; ngira nkwice, nguce izosi; kand’ imivyimba y’ingabo z’Abafilisitiya ngira ndayigaburire ibisīga vyo mu kirēre n’ibikōko vyo mw ishamba, kugira ngw isi yose imenye ko mu Bisirayeli har’ Imana;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ