Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 21:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ku ngoma ya Dawidi hatera inzara, imara imyaka itatu ikurikiranye; maze Dawidi aja kubisiguza Uhoraho. Uhoraho arishura, ati Vyātewe n’ubgicanyi bga Sauli n’inzu yiwe, kuko yishe ab’i Gibeyoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 21:1
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ inzara itera mur’ ico gihugu: nuko Aburamu aramanuka, aja muri Egiputa, ngw asuhukireyo, kukw inzara yari nyinshi mur’ ico gihugu.


Hatera iyindi nzara ya kabiri mur’ ico gihugu, itar’ imwe ya mbere yo mu gihe ca Aburahamu. Isaka aja i Gerari kwa Abimeleki umwami w’Abafilisitiya.


Abo mu bihugu vyose baja muri Egiputa kuri Yosefu gusuma imihure y’impeke, kukw ikigoyi cari cinshi mw isi yose.


Nuko bene Isirayeli bajana n’ abandi gusuma, kuko kigoyi cāteye mu gihugu c’i Kanani.


Uhoraho agushubije ku mutwe amaraso yose y’ab’ inzu ya Sauli, uwo wishize mu gishingo ciwe, ukīyimika; non’ Uhoraho agabiye Abusalomu umuhungu wawe ubgo bgami; awa! Ubuyobe bgawe buragukoze, kuk’ ur’ umwicanyi!


Ira w’Umuyayiri na we yar’ umujenama mukuru wa Dawidi.


Babgira umwami, bat’ Umuntu yaturanduye, akaturonderera inama yo kutugeseza, kugira ngo ntitugire uburagamo mu gihugu cose c’ Abisirayeli,


Maz’ uburake bg’Uhoraho bgongera kuziriringira Abisirayeli; asunika Dawidi ngw abakwegere, ati Genda uharūre Abisirayeli n’Abayuda.


Maze Dawidi asiguza Uhoraho, ati Ndūge nje gutera Abafilisitiya? Urabagabura mu maboko yanje? Uhoraho aramwishura, ati Dūga ubatere, kuko ntazobura kugabura abo Bafilisitiya mu maboko yawe.


Maze Dawidi asiguje Uhoraho, aramwishura, ati Ntudūge ngo mubīsanganize, arik’ ugende inkerera‐mucamo, mubaturuke inyuma, aharābana n’ibiti vyitwa imibaka.


Bukeye Eliya w’i Tishubi, umwe mu bāgerereye i Gileyadi, aragenda abarira Ahabu, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, ari we nyene nsavye, yukw ata kime kizotonda cank’ imvura ngw ikoroke mur’ iyi myaka, atari jewe mbivuze.


Nuko Eliya aragenda, ngw aje kwiyereka Ahabu. Ico gihe kigoyi cari cinshi cane i Samariya,


Maz’ i Samariya hatera inzara y’icago; bakomeza kuhugariza gushitsa ah’ abantu basigaye bagura umutwe w’indogoba shekeli z’ifeza mirongumunani, n’ikigirakane c’agakondwe k’amavyi y’inuma shekeli z’ifeza zitanu.


Kandi Elisa yari yarabariye wa mugore yazurira umwana, at’ Enda genda, mwe n’abo mu rugo rwawe, urondere ah’ usuhukira, kuk’ Uhoraho arekuye inzara, kand’ izomara imyaka ndwi mu gihugu.


Mbgire Imana, nti Ntuntsindishe: N’ummenyeshe igituma umbūranya.


Wavuze, uti Ni murondere mu nyonga hanje; umutima wanje urakwishuye, Uti Mu nyonga hawe ndaharondera, Uhoraho.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Ni navuna inkoni mwegamiye, ari yo vyo kurya vyanyu, abagore cumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe, botsa udutsima, bazosigara babagaburira udutsima twa mugerwa: murye ututabahāgije.


Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose.


Arikw Abisirayeli bacumura mu vyagizwe inyegu y’Uhoraho; Akani mwene Karami, Karami wa Zabudi, Zabudi wa Zerahi, wo mu muryango wa Yuda, ni we yasotōye ku vyagizwe inyegu; maz’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli.


Enda tubagire durtya: tubareke bībēreho, twoye kwihamagarira uburake kubga ya ndahiro twabarahiye:


Mu misi y’abacamanza ikigoyi cateye mu gihugu. Nuk’ umugabo w’i Betelehemu h’i Buyuda asuhukira mu gihugu c’i Mowabu, bo n’umugore wiwe n’abahungu biwe bompi.


Nuko bongera gusiguza Uhoraho, bati Mbeg’ uwo muntu yoba ataraza? Uhoraho arabishura, at’ Ereg’ arinyegeje mu bintu vy’intēkera.


Mbeg’ abantu b’i Keyila bazontanga mu maboko yiwe? Kandi Sauli azomanuka koko, nk’uko jewe umusavyi wawe navyumvise? Ewe Uhoraho, Mana y’Abisirayeli, ndakwinginze barira umusavyi wawe. Uhoraho aramwishura, at’ Azomanuka.


Nuko Dawidi asiguza Uhoraho, ati Mbega nje kurwanya abo Bafilisitiya? Uhoraho yishura Dawidi, ati Genda ubarwanye, utabare ab’i Keyila.


Nuko Dawidi yongera gusiguza Uhoraho. Uhoraho aramwishura, ati Haguruka umanuke uje i Keyila, kuko nzogabura Abafilisitiya mu maboko yawe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ