Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Yowabu abarira Amasa, ati N’amahoro ga ncuti? Yowabu araheza afatisha Amasa ukuboko kw’i buryo ku rusakanwa nk’ ūgira amusome.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:9
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ iyo hagize ūmwunamira ngw amuramutse, yarāmvura ukuboko akamufata akamugumbira.


Kandi Abusalomu yari yagize Amasa umugabisha w’ingabo mu gishingo ca Yowabu. Kandi Amasa uwo yari mwene Yitura, umuntu w’Umwishimayeli; uyo Yitura yari yaratahiye Abigayili mwene Nahashi, Abigayili mwene nyina wa Seruwiya, Seruwiya nyina wa Yowabu.


Umwami aramubaza, ati Wa muhungu Abusalomu ar’ amahoro? Ahimasi aramwishura, at’ Aho Yowabu yantuma, jewe umusavyi wawe, nabonye agahōgo kenshi, ariko sinamenye ivy’ ari vyo.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Uhoraho aza kuba amushubije ku mutwe amaraso ya ba bantu babiri yatsindaho, akabicisha inkota, data Dawidi atabizi, kand’ ar’ abantu bamurusha kugororoka no gutungana, ni bo Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo z’Abisirayeli, na Amasa mwene Yeteri, umugabisha w’ingabo z’Abayuda.


Akanwa kiwe kanyerera nk’ amavuta, Arik’ umutima wiwe warimw’ intambara gusa; Amagambo yiwe yaremba kurusha amavuta ya elayo, Ariko yar’ inkota zisokowe.


Iminwa ihemana n’umutima mubi Bimeze nk’ikibumbano gikuyengejekw ifeza.


Gukubitwa n’umukunzi biba bitewe n’ukuri, Arik’ ugusomagura kw’umwansi buba ar’ uburyarya.


Maze Ishimayeli mwene Netaniya avana hasi n’abo bagabo cumi bāri kumwe na we, bacumita inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, baramwica, kand’ ari we umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza igihugu.


Abubaha Imana baraherengeteye mw isi, kandi mu bantu nta n’umwe atunganye: bose babundira kuvisha amaraso, umuntu wese ahīga mugenzi we ngw amute mu ruriba.


Maz’ Abisirayeli batakambiye Uhoraho, abahagurukiriza uwo kubakiza yitwa Ehudi mwene Gera w’Umubenyamini; yar’ ibamfu. Bukeye Abisirayeli bamurungikana ishikanwa ryo gushikanira Eguloni umwami w’i Mowabu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ