Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Nukw ingabo za Yowabu n’ Abakereti n’Abapeleti n’abahizi bose bakurikira Abishayi; bava i Yerusalemu baja guhīga Sheba mwene Bikuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:7
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw abantu biwe bose bamuca imbere; kand’ Abakereti n’Abapeleti bose, n’Abanyegati bose ukw ar’ amajana atandatu bāri bavuye i Gati bamukurikiye, na bo baca imbere yiwe.


Kandi Yowabu yar’ umugabisha w’ingabo zose z’Abisirayeli; Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti;


Kandi Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umugabisha w’ingabo, Yehoshafati mwene Ahiludi ni we yar’ umwanditsi w’ivyaja biraba;


Benaya mwene Yehoyada ni we yagabisha Abakereti n’Abapeleti; kandi bene Dawidi bār’ abakuru b’igihugu.


Umwami arababarira, ati Ni mujane ingabo zanje, kandi mushire umwana wanje Salomo ku nyumbu yanje bgite, ayigendereko, mumumanukane i Gihoni;


Nuko Sadoki umuherezi n’ ūvugishwa n’Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti bamanukana Salomo, bamushize ku nyumbu y’ umwami Dawidi, bamujana i Gihoni.


Kand’ umwami yarungitse Sadoki umuherezi n’ūvugishwa n’ Imana Natani na Benaya mwene Yehoyada, bo n’Abakereti n’Abapeleti, bajana na we bamushize ku nyumbu y’umwami;


Twari twateye i bumanuko mu Bakeriti, dutera n’i Buyuda, n’i bumanuko mu bga Kalebu, duturira n’i Sikulagi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ