Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Dawidi araheza abarira Abishayi, ati Sheba mwene Bikuri agiye kutugirira nabi kuruta Abusalomu; abe ari wewe ujana ingabo zanje, umukurikirane, kugira ngo ntiyegukire ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye, akaba atujanye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:6
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Abamoni babonye Abasiriya bahunze, na bo bahunga Abishayi, bīsuka mu gisagara. Nuko Yowabu araheza areka Abamoni, asubira i Yerusalemu.


Uriya yishura Dawidi, at’ Isandugu y’Imana n’Abisirayeli n’Abayuda ko barāra mu nsago, kandi databuja Yowabu n’ abantu bawe, mugenzi, bakaba bashagaje mu gahinga; none jewe ngende i wanje, nīrīre, nīnywere, ndārane n’umugore wanje? Ndakurahiye, eka ni wewe ndahiro nyene, sinorikora!


Uwo muntu yishura Yowabu, ati Naho nari guhabga amafeza igihumbi mu ntoke, sinari gukoza ukuboko ku mwana w’umwami; kukw ah’ umwami yabīhanikiriza mwe na Abishayi na Itayi, ati Mwirinde ntihaze hagire ūkora kur’ uwo muhungu Abusalomu, natwe twavyumva.


Dawidi araheza agabanya ingabo mu mice itatu, umuce umwe awuha Yowabu, uwundi awuha Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, uwundi awuha Itayi Umunyegati. Maz’ umwami abarira ingabo, ati Nanje ubganje turatabarana.


Nuko none n’uhaguruke, usohoke, ucūrire amajambo abasavyi bawe yo kubahūmuriza; ntanze Uhoraho kw indahiro, n’utāsohoka, nta muntu n’umwe aza gusigara kuri wewe mur’ iri joro. Kand’ ivyo bizokubera nabi kuruta ivyago wakabonye vyose, uhereye mu buto bgawe gushitsa n’ ubu.


Kand’ abana ba Seruwiya ukw ari batatu, Yowabu na Abishayi na Asaheli, ni ho bāri; kandi Asaheli yar’ impayamaguru nk’ingeregere yo mw ishamba.


Ariko Abishayi umwana wa Seruwiya aramutabara, asogota uwo Mufilisitiya, aramwica. Maz’ abantu ba Dawidi baramurahira, bati Ntuzosubira na mba kujana natwe mu ntambara, ntuz’ uhave uzimya itara ry’Abisirayeli.


Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.


Uko ni ko Yowabu na Abishayi murumuna we bishe Abuneri, kuko yari yatsinze murumuna wabo mu ntambara y’i Gibeyoni.


Kandi nanje naho nd’umwami yimikishijwe amavuta, arik’ ubu nsigaye ncitse urudendevu. Kand’ abo bagabo, abahungu ba Seruwiya, n’abantu badashoboka, barannaniye. Uhoraho n’asubirize umunyakibi mu nkōko nk’ukw ibibi vyiwe bingana.


Umwami arababarira, ati Ni mujane ingabo zanje, kandi mushire umwana wanje Salomo ku nyumbu yanje bgite, ayigendereko, mumumanukane i Gihoni;


Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.


Kandi Abishayi umwana wa Seruwiya atsinda Abanyedomu ibihumbi cumi n’umunani mu Kiyaya c’Umunyu.


Mbega none n’iki kikitwicaritse? Enda ni mwegerane, tuje mu bisagara vyubakiwe inzitiro, twumireyo; kuk’ Uhoraho Imana yacu atwumije, aduhaye amazi y’ubumara ngo tuyanywe, kuko twacumuye k’Uhoraho.


Ubgami iyo bgitandukanije ubgabgo, ubgo bgami ntibushobora kurama.


Maze Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, ati Ni nde yomanukana nanje aho Sauli ashagaje? Abishayi aramwishura, ati Jewe turajana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ