5 Nuko Amasa aja guhamagara Abayuda; arikw arenza imisi umwami yamubariye.
Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.
Dawidi araheza abarira Abishayi, ati Sheba mwene Bikuri agiye kutugirira nabi kuruta Abusalomu; abe ari wewe ujana ingabo zanje, umukurikirane, kugira ngo ntiyegukire ibisagara vyubakiwe inzitiro z’amabuye, akaba atujanye.
Nuko Sauli amaray’ imisi ndwi, arorereye Samweli, nk’uko yari yamuhaye indagano; arikw abantu bāri bāgiye biyonjorora bamuta, Samweli ataraza i Gilugali.
Bukeye mu gitondo Yonatani aja kuri wa musozi mu gihe yaraganye na Dawidi, ari kumwe n’ umwana mutoya.