4 Maz’ umwami abarira Amasa, ati Nkoraniriza Abayuda hano mu misi itatu itarenze, kandi nawe uz’ ubeho.
Kandi Abusalomu yari yagize Amasa umugabisha w’ingabo mu gishingo ca Yowabu. Kandi Amasa uwo yari mwene Yitura, umuntu w’Umwishimayeli; uyo Yitura yari yaratahiye Abigayili mwene Nahashi, Abigayili mwene nyina wa Seruwiya, Seruwiya nyina wa Yowabu.
Uti Kandi mumubarize na Amasa, muti Mbega nawe ntimur’ akara kamwe n’amaraso amwe? Mut’ Imana ize ibimuhanire, kandi birushirije, n’atākugira umugabisha w’ingabo ziwe na ntaryo mu gishingo ca Yowabu.
Nuk’ umwami agonda imitima y’Abayuda bose nk’ uw’ umuntu umwe; baca bamutumako ngw agaruke bo n’abantu biwe bose.
Abigayili avyara Amasa, kandi se wa Amasa yari Yeteri w’Umwishimayeli.