amuha kugendagendera mu mukogote wa kabiri ku wiwe; bakagenda barasemererera imbere yiwe, bati Ni mumupfukamire! Nukw amuha kugaba igihugu cose ca Egiputa.
N’abaririmvyi bo mu ba Asafu bāri mu myanya yabo nk’uko vyari vyarashinzwe na Dawidi na Asafu na Hemani na Yedutuni kamenyi w’umwami; abakumirizi na bo bāri ku birimba vyose; na bo nyene ntibārinda kuva ku gikorwa cabo, kuko bagenzi babo b’Abalewi bābitegurira ivyabo na bo.
Aramwishura, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu? Mbeg’ ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa? Mose aratinya, arivuganya, ati N’ukuri vyaramenyekanye.
(Yayiri umwuzukuruza wa Manase ni we yanesheje iyo ntāra yose yo muri Arugobu, ari ho i Bashani, gushitsa ku rubibe rw’Abageshuri n’ Abanyamayaka: ibisagara vyaho avyitiranya n’izina ryiwe, avyita Havoti‐yayiri, nk’uko bicitwa na bugingo n’ubu.)