25 Shewa yar’ umukarani; Sadoki na Abiyatari ni bo bār’ abaherezi;
Kandi hari haje Abiyatari, na Sadoki na we ni ho yar’ ari, n’Abalewi bose bareruye isandugu y’isezerano ry’Imana; batereka hasi iyo sandugu y’Imana, kugeza ah’ abantu bose barangirije kuva ku murwa.
Ira w’Umuyayiri na we yar’ umujenama mukuru wa Dawidi.
Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; Seraya ni we yar’ umukarani;
Nukw aja inama na Yowabu umwana wa Seruwiya, na Abiyatari umuherezi, baramukurikira ngo bamushigikire.
Ariko Sadoki umuherezi na Benaya mwene Yehoyada na Natani uwavugishwa n’Imana na Shimeyi na Reyi na ba bahizi ba Dawidi, ntibāfatanya na Adoniya.
Benaya mwene Yehoyada yar’ umugabisha w’ ingabo; Sadoki na Abiyatari ni bo bar’ abaherezi;
Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari ni bo bār’ abaherezi; Shavusha ni we yar’ umukarani;