Kandi na Benaya mwene Yehoyada, umuntu w’umuhizi w’i Kabuseli, na we yari yarakoze ivy’ ubutōre; ni we yishe bene Ariyeli w’i Mowabu bompi; kandi yaramanutse yicira intambge mw isenga, ku musi shelegi yar’ iguye.
Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada atuma ku bagabisha bagaba ijana‐ijana bo mu Bakariti no mu bashibamyi, avuga ko baza iy’ ari mu ngoro y’Uhoraho; araheza asezerana na bo isezerano, abākira indahiro aho nyene mu ngoro y’ Uhoraho; maz’ abereka uwo mwana w’umwami.