Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maz’ uwo mugore aja mu bantu bose ajanye inama y’ubgenge; na bo baragenda baca izosi Sheba mwene Bikuri, bashiburira Yowabu umutwe wiwe. Na we araheza avuza inzamba, abantu bose bava ku gisagara, baratandukana, umuntu wese ataha i we. Yowabu na we atabarukira i Yerusalemu i bgami.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:22
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yowabu araheza avuza inzamba, ingabo zirahindukira, zireka gukurikira Abisirayeli, kuko Yowabu azibujije.


Nuko bajana ikiziga ciwe, bagishiburira mu rwobo runini rwar’ aho mu kibira, bakirundakw ikirundo c’amabuye kinini cane; nukw Abisirayeli bose baratemesha, umuntu wese ahungira i we.


Nuko Yowabu aca avuza inzamba, abantu bose barahagarara, ntibakomeza gukurikirana Abisirayeli canke kubarwanya ukundi.


Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Maz’ umugore w’umunyabgenge wo mur’ ico gisagara ashira ijwi hejuru, aravuga, ati Ni mwumvirize, yemwe ni mwumvirize! Ndabinginze, mumbaririre Yowabu, mut’ Igira hino, ico akubarira.


Ubgenge bubera umunyabgenge ububasha kuruta abatware cumi bari mu gisagara.


Urubanza rw’igikorwa kibi naho ruciwe, ntiruherahezwa vuba, ni co gituma imitima y’ abana b’abantu ihangara gukora ikibi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ