Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Si ko biri; ariko harih’ umuntu wo mu mugamba w’Abefurayimu yitwa Sheba mwene Bikuri, yagararije umwami Dawidi; mube ari we mutanga wenyene, mbone kubavira ku gisagara. Nya mugore yishura Yowabu, ati Nuko rero, umutwe wiwe turawurenza uruzitiro tuwugushiburire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:21
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Nukw Abisirayeli bose bata Dawidi, bakondorera inyuma ya Sheba mwene Bikuri; arikw Abayuda bo bigumira ku mwami wabo, baramuherekeza kuva kuri Yorodani gushitsa i Yerusalemu.


Yowabu aramwishura, ati Biragahera! Biragahera ko hogira ico noyongobeza canke nogeseza!


Kandi Abishayi murumuna wa Yowabu umwana wa Seruwiya ni we yar’ umukuru wa bamwe mirongwitatu. Yarāgūriye icumu abantu amajana atatu, arabahindikiranya, aronka izina rya rurangiranwa mur’ abo mirongwitatu.


Maze Yerobowamu mwene Nebati, Umwefurayimu w’i Sereda, umusavyi w’umwami Salomo, na we aramugarariza; nyina yar’ umupfakazi yitwa Zeruwa.


Nukw ico cete kibashikiriye, bafata abo bana b’umwami, babica ukw ari mirongwirindwi; imitwe yabo bayishira mu bisimbo, bayimurungikira i Yezireli.


Na we ati N’amahoro; ati Databuja arantumye, ng’ Ubu nyene agendewe n’abahungu babiri bo mu biga ivyo kuvugishwa, baturutse mu mugamba w’Abefurayimu; ngo None mutabare, ubamuhēre italanto y’ifeza n’imyambaro ibiri yo gukūranya.


Kuko humvikana ubutumwa buturutse i Dani, kandi buturutse no mu misozi ya Efurayimu bubūra ivyago,


Kandi nzogarukana Abisirayeli mu canya cabo, na bo bazorīsha i Karumeli n’i Bashani, bafore amabondo bari ku misozi y’i Efurayimu n’i Gileyadi.


Na Eleyazari mwene Aroni arahwera; bamuhamba mu gisagara ca Finehasi umwana wiwe i Gibeya, aho yari yarahawe mu mugamba w’Abefurayimu.


Bāmuhamvye mw ishamvu yiwe bgite i Timunati‐sera mu mugamba w’Abefurayimu, ku ruhande rw’i burārūko rw’ umusozi Gashi.


Gideyoni atuma intabaza mu mugamba wose w’Abefurayimu, kubabarira ngo bamanuke batege Abamidiyani, babatange ku majabukiro kurinda bashitsa i Beti‐bara no kuri Yorodani. Nukw Abefurayimu bose baratabara, babatanga ku majabukiro kurinda bashitsa i Beti‐bara no kuri Yorodani nyene.


Maz’ Abisirayeli babonye Abimeleki apfuye, barataha, umuntu wese aja i we.


Maz’ abarira ingabo ziwe, at’ Uhoraho arakabishira kure yanje, sinkagire ikintu nk’ico ngirira umwami wanje, kand’ ari we Uhoraho yimikishije amavuta! Sinkamukozek’ ukuboko, kuko yimikishijwe amavuta n’Uhoraho.


Ariko Dawidi yishura Abishayi, ati Ntumwice: har’ uwoshobora kubangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta, ntābizire?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ