Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nukw Abisirayeli bose bata Dawidi, bakondorera inyuma ya Sheba mwene Bikuri; arikw Abayuda bo bigumira ku mwami wabo, baramuherekeza kuva kuri Yorodani gushitsa i Yerusalemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:2
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami asubirayo, ashika kuri Yorodani; maz’ Abayuda baja i Gilugali ngo basanganire umwami, bamujabutse Yorodani.


Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Si ko biri; ariko harih’ umuntu wo mu mugamba w’Abefurayimu yitwa Sheba mwene Bikuri, yagararije umwami Dawidi; mube ari we mutanga wenyene, mbone kubavira ku gisagara. Nya mugore yishura Yowabu, ati Nuko rero, umutwe wiwe turawurenza uruzitiro tuwugushiburire.


Nuk’ umwami Dawidi ashitse i we i Yerusalemu, ajana za ncoreke ziwe yagize abagore ukw ar’ icumi, abo yari yasigaranye urugo; abashira mu nzu, abaha ababarinda; abatungiraho, ariko ntiyasubira kubarārira. Nuko baguma ngaho barindwa, barinda bapfa bameze nk’abapfakazi.


Maz’ Abisirayeli bose bumvise yuko Yerobowamu yagarutse, batuma kumuhamagara ngw aze mw ikoraniro ryabo; baca baramwimika, aba umwami w’Abisirayeli bose; ntihāba hakigira ūsaba ab’ inzu ya Dawidi, atar’ umuryango wa Yuda gusa.


Arikw Abisirayeli baba mu bisagara vy’i Buyuda, abo bo Rehobowamu arabaganza.


N’ukuri abafafara ni nk’impwemu zihumetswe, kand’ abahambaye n’ibinyoma gusa: Ni bashirwa ku munzane, bazoteruka gusa; Bose hamwe bahwahutse kurusha impwemu zihumetswe.


Gutangura imitongano ni nko kugomorora amazi, Nuko reka ibirake utarasinda.


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ