Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Jewe nd’umwe mu bakunda ivy’ amahoro kandi b’abizigirwa mu Bisirayeli; ariko wewe urondera kugeseza igisagara, ari co muvyeyi mu Bisirayeli. N’iki gituma ugomba kuyongobeza ishamvu y’Uhoraho?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:19
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Aburahamu aramwegera, aramubaza, ati Mbega none worandurana abagororotsi n’abanyavyaha?


nt’ Umwami aranyumvira, ankize jewe incoreke yiwe, ankūre mu maboko ya wa muntu agomba kundandurana n’umwana wanje, adukūre mw ishamvu y’Imana.


None rero ni mutume kuri Dawidi vuba, mut’ Iri joro nturāre ku majabukiro afata mu bugaragwa, ariko ntihagire ikikubuza kujabuka; muti Kugira ngo ntibakumirane n’abantu bose muri kumwe, mugenzi.


Aravuga, ati Kera bākunda kuvuga, bati Ni bagīshe inama i Abeli; kandi rero vyaca bihera.


Yowabu aramwishura, ati Biragahera! Biragahera ko hogira ico noyongobeza canke nogeseza!


Nuko Dawidi abaza ab’i Gibeyoni, ati Nobakorera iki? Notanga impongano ki, kugira ngo mubone gusabira ishamvu y’Uhoraho umugisha?


Kuko wabarobanuye mu mahanga yose yo mw isi ngo babe ishamvu yawe, nk’uko wavugiye mu kanwa ka Mose umusavyi wawe, ewe Mwami Uhoraho, igihe wakūra ba sogokuruza muri Egiputa.


Kugira ngo mbone ugutotahara kw’abo watoranije, Mpimbarwe n’umunezero w’ abantu bawe, Niratane n’ishamvu yawe.


Baba baratuyongobeje tukibona, Hamwe uburake bgabo bgārurumba kuri twebge.


Hahirwa ihanga rifise Uhoraho kw Imana yaryo, Ubgoko yitoranirije kuba ishamvu yiwe.


Imukūra mu gushorera intama zonsa, Kugira ngw aragire aba Yakobo abantu bayo, Abisirayeli ishamvu yayo.


Nebukadineza umwami w’i Babuloni yaramfyonderanije, arandotsa, angira urwavya rusigaye ubusa, yaranyongobeje nk’igisato c’amahēro, yagemereje inda yiwe ivyar’ ivyiza vyanje; yaranyirukanye.


Kandi nzohanira ca kigirwamana Beli i Babuloni, nzokijiginyura mu menyo ivyo catsontsomeye; kand’ amahanga ntazosubira gusendanisha aja kuri co: mber’ uruzitiro rw’i Babuloni ruzotemba.


Abansi bawe bose barakwasamiye cane, Bavuza agahwa, bagahekenya imisaya, bati Twarahayongobeje; Bati N’ukuri uyu ni wo musi twari twiteze; none turawushitseko, turawiboneye.


Umwami Imana asanganguye amazu yose ya Yakobo ata kagongwe; Yahenuranye uburake ibihome vy’umukobga w’i Buyuda; Arabitsinda gushitsa hasi: Abami n’abaganwa babo yabahinduye ibihumane.


Umwami Imana yahindukiye i Bgisirayeli nk’umwansi, arahayongobeza; Yayongobeje ingoro zaho zose, yasanganguye ibihome vyaho: Yongerekanije akabonge n’ ugucura intimba vy’umukobga w’i Buyuda.


irāsama, ibamirana n’ingo zabo, n’abantu bose ba Kora, n’ibintu vyabo vyose.


isi ikāsama, ikabamirana na Kora, hamwe wa muce wifatanya na bo wapfa, umuriro ukayigiza abagabo amajana abiri na mirongwitanu, bakaba akābarore.


Ariko, uyu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n’uyu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ng’Urupfu rumizwe n’intsinzi.


Kuko twebge abari mur’ uru rusago tuniha turemerewe, s’uko tugomba kwamburwa, ariko tugomba kwambikirwa kuri rwo, ngw igipfa kimirwe n’ubugingo.


Ni mwashika hafi y’igisagara, mugiye kugitera, muze mubarire abo muri co ngo babakomere amashi.


Kukw abantu b’Uhoraho ari bo mugabane wiwe, Aba Yakobo ni bo shamvu y’ aho yigereje ibango.


kandi cane‐cane abami n’abashizwe hejuru bose, kugira ngo twame mu mahoro dutekereje, twubaha Imana tur’ inyankamugayo rwose.


Ntihāri hagisigaye abo kurōngōra Abisirayeli, Kugeza ubgo jewe Debora nahagurutse, Mpaguruka nd’ umuvyeyi w’ Abisirayeli.


Maze Samweli yābīra agakuza k’amavuta ya elayo, ayamusuka ku mutwe, aramugūmbīra, aravuga, ati Mbeg’ Uhoraho si we akwimitse ng’ ube ari wewe ugaba ishamvu yiwe?


None rero ndakwinginze, mugenzi, zirikana amajambo yanje jewe umusavyi wawe, mwami; asangw’ ar’ Uhoraho yakungomoreye, ni yemere ndamuhe ikimazi; na ho ni baba ar’ abantu, barakavumwa imbere y’Uhoraho, kuk’ ubu banciye, ngo singire umugabane mw ishamvu y’Uhoraho, bakavuga ngo ni ngende gusaba izindi mana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ