18 Aravuga, ati Kera bākunda kuvuga, bati Ni bagīshe inama i Abeli; kandi rero vyaca bihera.
Nuko yigira hafi y’ah’ ari; nya mugore aramubaza, ati Ni wewe Yowabu? Na we at’ Ego me ni jewe. Aramubarira, ati Ni wumve amajambo yanje, jewe incoreke yawe; na we at’ Ego me ndumva.
Jewe nd’umwe mu bakunda ivy’ amahoro kandi b’abizigirwa mu Bisirayeli; ariko wewe urondera kugeseza igisagara, ari co muvyeyi mu Bisirayeli. N’iki gituma ugomba kuyongobeza ishamvu y’Uhoraho?