14 Sheba anyuragira mu miryango yose y’Abisirayeli, ashika i Abeli h’i Beti‐mayaka; maz’ Ababeriti bose barakorakorana, bamukurikirayo.
Nukw amaze gukūrwa mu nzira, abantu bose baca bakomeza inzira bakurikira Yowabu, baja guhīga Sheba mwene Bikuri.
Maz’ ingabo zose zari kuri Yowabu ziraza, zimusāgiririza i Abeli nyene h’i Beti‐mayaka, barunda ikirundo kur’ ico gisagara co kwūririrako, cegamiye uruzitiro rwaco; basita urwo ruzitiro kugira ngo baruhomvore.
na Elifeleti mwene Ahasubayi w’i Mayaka, na Eliyamu mwene Ahitofeli w’i Giloni;
Nuko Beni‐hadadi yemerera umwami Asa, agomora abagabisha b’ingabo ziwe ngo baje gutera ibisagara vy’Abisirayeli; nuko batsinda Iyoni n’i Dani n’i Abeli‐beti‐mayaka n’i Kinereti hose n’igihugu cose c’i Bunafutali.
Kandi ku ngoma ya Peka umwami w’Abisirayeli, Tigulati‐pileseri umwami w’i Ashuri araza, atera ahitwa Iyoni n’i Abeli‐beti‐mayaka, n’i Yanowa n’i Kedeshi, n’i Hasori n’i Gileyadi, n’i Galilaya n’igihugu cose c’i Nafutali; abantu baho abajana i Ashuri ar’ inyagano.
Nuko Beni‐hadadi yemerera umwami Asa, agomora abagabisha b’ingabo ziwe ngo baje gutera ibisagara vy’Abisirayeli; nuko batsinda Iyoni n’i Dani n’i Abeli‐mayimu n’ ibisagara vyose vy’ibigega vy’i Bunafutali.
Bavudukayo bashika i Beri; aho ni ha handi Beri Uhoraho yabaririra Mose, ati Koranya abantu, ndabahe amazi;
hāri na Gibeyoni na Rama na Beroti,