Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nukw amaze gukūrwa mu nzira, abantu bose baca bakomeza inzira bakurikira Yowabu, baja guhīga Sheba mwene Bikuri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:13
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Umwe mu ngabo za Yowabu ahagarara hejuru ya Amasa, aravuga, at’ Ūkunda Yowabu, kand’ ūherereye ku ruhande rwa Dawidi, n’ akurikire Yowabu.


Sheba anyuragira mu miryango yose y’Abisirayeli, ashika i Abeli h’i Beti‐mayaka; maz’ Ababeriti bose barakorakorana, bamukurikirayo.


Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Tarutani na Rabusarisi na Rabushake, bava i Lakishi bajanye ingabo nyinshi, ngo baje ku mwami Hezekiya i Yerusalemu. Nuko baradūga baja i Yerusalemu nyene. Bashitseyo bahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.


Inzira y’igihamo y’abagororotsi n’ukwitandukanya n’ikibi; Uwirinda mu nzira yiwe akiza ubugingo bgiwe.


Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Rabushake ava i Lakishi ajanye ingabo nyinshi, aja i Yerusalemu, ku mwami Hezekiya. Ashitseyo ahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.


Ni murenge, ni murenge amarembo; mutunganirize abantu inzira; muharure, muharure inzira y’iroro, muyikūremw’ amabuye; mushingire amoko ibendera.


Maz’ Uhoraho abarira Yesaya, ati Sohoka non’ ubu, uje gusanganira Ahazi, wewe na Sheyari‐yashubu umwana wawe, murahūrira ah’ umugende wo ku kidengeri co haruguru ugarukira, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi;


Wishingire ibimenyetso bikurangira inzira, wironkere ibiti vy’ivyapa: shira umutima ku nzira y’iroro, imwe wajana ukijayo: hindukira, ewe nkumi, ruvyaro rwa Isirayeli, hindukira ugaruke mur’ ibi bisagara vyawe.


Abisirayeli barishura, bati Tuzoca mu nzira y’iroro gusa, kandi twebge n’ivyo dushoreye ni twanywa amazi yo mu gihugu cawe, tuzotanga ic’ uzocira: reka twihitire gusa, nta kindi tuzokora.


Nuko bashika i Yeriko: akivana i Yeriko n’abigishwa biwe n’ishengero ryinshi, mwene Timayo yitwa Barutimayo, umusēzi w’impumyi, yari yicaye i ruhande y’inzira.


Maze baravuga, bat’ Erega hariho wa musi mukuru w’Uhoraho bagira uk’ umwaka utashe i Shilo, hamwe i burārūko bg’ i Beteli, ku ruhande ruhera i burasirazuba rw’inzira iva i Beteli ija i Shekemu, i bumanuko bg’i Lebona.


Izo nka zigenda zitumbereye i Beti‐shemeshi, zijana inzira y’iroro, zigenda zirābira inzira yose, ntizakebereza i buryo cank’ i bumoso; abaganwa b’Abafilisitiya baraziherekeza, bazishikana ku rubibe rw’i Beti‐shemeshi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ