Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Tarutani na Rabusarisi na Rabushake, bava i Lakishi bajanye ingabo nyinshi, ngo baje ku mwami Hezekiya i Yerusalemu. Nuko baradūga baja i Yerusalemu nyene. Bashitseyo bahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.
Bukeye umwami w’i Ashuri atuma Rabushake ava i Lakishi ajanye ingabo nyinshi, aja i Yerusalemu, ku mwami Hezekiya. Ashitseyo ahagarara ku mugende wo ku kidengeri co haruguru, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi.
Maz’ Uhoraho abarira Yesaya, ati Sohoka non’ ubu, uje gusanganira Ahazi, wewe na Sheyari‐yashubu umwana wawe, murahūrira ah’ umugende wo ku kidengeri co haruguru ugarukira, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi;
Abisirayeli barishura, bati Tuzoca mu nzira y’iroro gusa, kandi twebge n’ivyo dushoreye ni twanywa amazi yo mu gihugu cawe, tuzotanga ic’ uzocira: reka twihitire gusa, nta kindi tuzokora.
Maze baravuga, bat’ Erega hariho wa musi mukuru w’Uhoraho bagira uk’ umwaka utashe i Shilo, hamwe i burārūko bg’ i Beteli, ku ruhande ruhera i burasirazuba rw’inzira iva i Beteli ija i Shekemu, i bumanuko bg’i Lebona.