Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi Amasa yari hagati mu nzira arambaraye mu maraso yiwe, arikw arasāmba; maz’ uwo muntu abonye kw abantu bose bahashika bakarundana, aterura Amasa, amukūra mu nzira, amurambika hirya mu murima, amworosa impuzu; kuko yabonye k’uwamushikako wese yaca ahagarara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:12
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Abusalomu yari yagize Amasa umugabisha w’ingabo mu gishingo ca Yowabu. Kandi Amasa uwo yari mwene Yitura, umuntu w’Umwishimayeli; uyo Yitura yari yaratahiye Abigayili mwene Nahashi, Abigayili mwene nyina wa Seruwiya, Seruwiya nyina wa Yowabu.


Ariko na ho nyene yanka gukebereza i ruhande, bituma Abuneri amuzibura umuhunda w’icumu ku nda, riseruka inyuma, Asaheli yikubita hasi, agwa aho nyene. Maz’ abantu bashitse aho Asaheli aguye, baca bahagararaho.


Umwe mu ngabo za Yowabu ahagarara hejuru ya Amasa, aravuga, at’ Ūkunda Yowabu, kand’ ūherereye ku ruhande rwa Dawidi, n’ akurikire Yowabu.


Nukw amaze gukūrwa mu nzira, abantu bose baca bakomeza inzira bakurikira Yowabu, baja guhīga Sheba mwene Bikuri.


Ariko wewe Mana, ba bandi uzobamanukana muri rwa rwobo rw’amahonero; Abicanyi n’ingunge ntibazocagatiza imisi y’ubugingo bgabo; Ariko jeho nzokwama nkwizigira.


Uhoraho yimenyekanishije, yarashikije imanza: Ategesha umunyakibi ibikorwa vy’intoke ziwe nk’ umutego. Higayoni. Sela.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ