Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 20:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 20:1
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bene Benyamini ni Bela, na Bekeri, na Ashibeli, na Gera, na Namani, na Ehi, na Roshi, na Mupimu, na Hupimu, na Arudi.


Bukeye Abusalomu atuma abantu ngo bagende mu mpisho, bakwiragire mu miryango yose y’Abisirayeli, ngo bavuge, bati Ni mwumva ijwi ry’inzamba, muce muvuga, muti Abusalomu agiye ku ngoma i Heburoni.


Mbere Dawidi abarira Abishayi n’abantu biwe bose, ati K’umwana wanje nīkūriye mu nda arondera agatwe kanje, mbeg’ urya Mubenyamini we ntarushiriza? Nuko mureke antuke, kuk’ Uhoraho ari we yabimubariye.


Uku ni ko Shimeyi yagenda aramutuka, ati Genda, urakagenda, wa mwicanyi we, wa mugesera we!


Nuko bajana ikiziga ciwe, bagishiburira mu rwobo runini rwar’ aho mu kibira, bakirundakw ikirundo c’amabuye kinini cane; nukw Abisirayeli bose baratemesha, umuntu wese ahungira i we.


Nukw Abisirayeli bose bata Dawidi, bakondorera inyuma ya Sheba mwene Bikuri; arikw Abayuda bo bigumira ku mwami wabo, baramuherekeza kuva kuri Yorodani gushitsa i Yerusalemu.


Maz’ uwo mugore aja mu bantu bose ajanye inama y’ubgenge; na bo baragenda baca izosi Sheba mwene Bikuri, bashiburira Yowabu umutwe wiwe. Na we araheza avuza inzamba, abantu bose bava ku gisagara, baratandukana, umuntu wese ataha i we. Yowabu na we atabarukira i Yerusalemu i bgami.


Arikw abantu bose b’abagesera bazoba nk’amahwa abantu bakinjura, Kukw ata wuyafatisha intoke;


Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire i muhira! Nawe Dawidi, urimenya, mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli baritahira, basubira i wabo.


maze muzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati Warogose ku Mana no ku mwami. Muheze mumujane inyuma y’ igisagara, mumwicishe amabuye.


Maz’ Abisirayeli bose babonye yuk’ umwami yanse kubemerera, baramubarira, bati Dawidi har’ ico tumwegako? Eka nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese yīgīre i muhira! Nawe Dawidi, urīmenya mwe n’umuryango wawe! Nukw Abisirayeli bose baritahira, basubira i wabo.


Maz’ umwami Rehobowamu aragenda agīsha inama abashingantahe bāri kuri se Salomo akiriho, arababaza, ati Mwongīra inama ki nokwishura abo bantu?


Uhoraho we, haguruka, Ubahagarare mu ruhanga, ubatūre hasi. Ukize umutima wanje umunyakibi, uwukirishije inkota yawe;


Amarushwa y’umugororotsi ni menshi, Arik’ Uhoraho ayamukiza yose.


Ntukihutire kubūrana, Uburuhiro ntuz’ usange waguye mu rudubi, Mugenzawe amaze kukumāramāza.


Nk’ukw amakara acana igitōngōrero, n’inkwi zicana umuriro, Ni k’umuntu w’amahane acana intonganya.


Ubgami iyo bgitandukanije ubgabgo, ubgo bgami ntibushobora kurama.


Arikw abantu biwe bāramwanka, bamukurikiza intumwa, bat’ Uyo ntitugomba kw atuganza.


Arikw abo bansi banje batākunze ko mbaganza ni mubazane hano, mubīcire imbere yanje.


Petero aramubgira, ati Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose. Yesu aramwishura, ati Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhūriye.


bati Hādutse abagesera muri mwebge bariko barakwegakwega abo mu gisagara cabo, bat’ Ingo tugende, dusabe izindi mana, kand’ ar’ izo mutigeze kumenya;


Bakiriko barījandajandira, haza abanyagisagara b’abanyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura ku rugi, babarira uwo mutāma nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone.


Ashitseyo, avugisha inzamba mu mugamba w’Abefurayimu: Abisirayeli bamanukana na we bavuye mur’ uwo mugamba, abagiye imbere.


Aragenda, ahūmba mu kibuba akurikiye abagenyi: kand’ umurima yarengutseko war’ uwo mw itongo rya Bowazi, wo mu muryango wa Elimeleki.


Sauli yitoraniriza abantu mu Bisirayeli ibihumbi bitatu; muri bo, ibihumbi bibiri bāba kuri we i Mikimashi no ku musozi w’i Beteli; abandi igihumbi bāba kuri Yonatani i Gibeya h’i Bubenyamini; abasigaye arabacūra, umuntu wese yītāhira i we.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


Maz’ abantu bose b’abanyakibi b’abagesera mu bāri bājanye na Dawidi baravuga, bati Ntitubaha ku vyari vyaranyazwe twigarukaniye, kuko batājanye natwe; shit’ umuntu wese turamuha umugore wiwe n’abana, babajane bagende.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ