Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Aramwimika ngw abe umwami w’i Gileyadi n’ uw’ Abashuri n’uw’ i Yezireli n’ uw’ Abefurayimu n’uw’ Ababenyamini n’uw’ Abisirayeli bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:9
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Leya aravuga, ati Ndahiriwe! Kukw abandi bagore bazonyita umuhirwa: amwita Asheri.


Kandi Ishibosheti mwene Sauli, igihe yima ngw abe umwami w’ Abisirayeli, yar’ amaze imyaka mirongwine; amara imyaka ibiri ari ku ngoma. Arikw ab’ umuryango w’Abayuda bo, bākondoreye inyuma ya Dawidi.


Ico gihe c’intambara y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi, Abuneri yari yīgize agakomeye mu rugo rwa Sauli.


Abo mu Babenyamini b’i wabo wa Sauli bār’ ibihumbi bitatu; kuko gushitsa ico gihe abenshi muri bo bāri bagiherereye ku nzu ya Sauli.


Abo mu Befurayimu bār’ ibihumbi mirongwibiri n’amajana munani, abantu b’abahizi, ba rurangiranwa mu mazu ya ba sekuruza.


Gileyadi n’ahanje, umuryango wa Manase n’uwanje; Uwa Efurayimu ni wo ukīngira umutwe wanje; Uwa Yuda ni wo cumu ry’ubugabe bganje.


Baharūra amavuka ya ba Asheri, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, amazina yabo bose, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abashobora kurwana mu ntambara bose:


Urubibe rw’Abefurayimu, nk’ ukw amazu yabo ari, rwagenda rurtya: urugabano rw’ishamvu yabo rw’ahahera i burasirazuba rwahēra kuri Ataroti‐adara rugashika i Beti‐horoni ho haruguru:


Kuva i Tapuwa, urwo rubibe rwagenda rwerekeye i burengerazuba, rukarinda rushika ku kagezi kitwa Kana; maze rukagarukira ku kiyaga. Iyo ni yo shamvu y’ Abefurayimu, nk’ukw amazu yabo ari,


hamwe n’ibisagara bāsobanuriwe mw ishamvu y’Abamanase, ibisagara vyose n’imihana ibikūkira.


Maz’ ubupfindo bgerekana ishamvu y’umuryango wa Manase, ari we mfura ya Yosefu; imfura ya Manase yari Makiri, se wa Gileyadi; Makiri uwo, ni we yahawe i Gileyadi n’i Bashani, kuko yar’ umuhizi.


Bapfindiye ubupfindo Ababenyamini, nk’ukw amazu yabo ari, ishamvu yabo bgerekanye yari hagati y’iy’ Abayuda n’iy’ Abayosefu.


Kandi Yorodani ni rwo rwar’ urubibe rwaho rw’i burasirazuba. Iyo ni yo shamvu y’Ababenyamini, nk’ukw imbibe zaho ziri impande zose, nk’ukw amazu yabo ari.


Urubibe rwabo rwaca i Yezireli n’i Kesuloti n’i Shunemu,


Nukw Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase barahindukira, bava mu bandi Bisirayeli i Shilo mu gihugu c’i Kanani, ngo baje mu gihugu c’i Gileyadi, igihugu bāhawe kw ishamvu, bakacegukira, nk’uk’ Uhoraho yabigeze atumye Mose.


arikw Abasheri babana n’Abanyakanani, ben’ ico gihugu, ntibabirukana.


Nukw Abafilisitiya bakoraniriza ingabo zabo zose i Afeka, Abisirayeli na bo basagaza hafi y’iriba ry’i Yezireli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ