Baharūra amavuka ya ba Asheri, nk’ukw imiryango yabo iri, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, amazina yabo bose, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, abashobora kurwana mu ntambara bose:
Kuva i Tapuwa, urwo rubibe rwagenda rwerekeye i burengerazuba, rukarinda rushika ku kagezi kitwa Kana; maze rukagarukira ku kiyaga. Iyo ni yo shamvu y’ Abefurayimu, nk’ukw amazu yabo ari,
Maz’ ubupfindo bgerekana ishamvu y’umuryango wa Manase, ari we mfura ya Yosefu; imfura ya Manase yari Makiri, se wa Gileyadi; Makiri uwo, ni we yahawe i Gileyadi n’i Bashani, kuko yar’ umuhizi.