8 Kandi Abuneri mwene Neri, umugabisha w’ingabo za Sauli, yari yarajanye Ishibosheti mwene Sauli, aramujabutsa amujana i Mahanayimu.
Yakobo ababonye, aravuga, at’ Aha ni ho ingabo z’Imana zishagaje: yita aho hantu Mahanayimu.
Yakobo atuma intumwa ngo zimwītangire imbere zije kwa Esau mukuru we mu gihugu c’i Seyiri, mu ntāra ya Edomu.
Maze Dawidi ashika i Mahanayimu; Abusalomu na we ajabuka Yorodani, ari kumwe n’ Abisirayeli bose.
Nuko Abuneri n’ingabo ziwe bakesha iryo joro bajanye ikiyaya Araba; bajabuka Yorodani, bajana i Bitironi hose, bararuha bashika i Mahanayimu.
None rero, mwigumye, mube abagabo: kuko Sauli shobuja yāpfuye, kand’ ab’ umuryango w’Abayuda banyimikishije amavuta ngo mbe umwami wabo.
Maz’ umwami abarira abantu biwe, at’ Aho ntimuzi yuk’ uyu musi hapfuye uwo mu nda y’ingoma kandi w’agahambaye?
Ico gihe c’intambara y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi, Abuneri yari yīgize agakomeye mu rugo rwa Sauli.
Abo mu Babenyamini b’i wabo wa Sauli bār’ ibihumbi bitatu; kuko gushitsa ico gihe abenshi muri bo bāri bagiherereye ku nzu ya Sauli.
Abo mu Befurayimu bār’ ibihumbi mirongwibiri n’amajana munani, abantu b’abahizi, ba rurangiranwa mu mazu ya ba sekuruza.
Kandi Neri avyara Kishi, Kishi avyara Sauli, Sauli avyara Yonatani na Malikishuwa na Abinadabu na Eshibayali.
Ku vy’umuryango w’Abagadi babaha Ramoti i Gileyadi n’amaragiro yaho; car’ igisagara c’ubuhungiro bg’uwishe uwundi; babaha n’i Mahanayimu,
Muka Sauli yitwa Ahinowamu mwene Ahimasi; kand’ umugabisha w’ingabo ziwe yari Abuneri mwene Neri, se wabo wa Sauli;
Igihe Sauli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri umugabisha w’ ingabo ziwe, ati Harya ga Abuneri, urya muhungu ni mwene nde? Na we aramwishura, ati Mugenzi, indahiro ni wewe nyene nkamumenya!
atera akamo ingabo bo na Abuneri mwene Neri, ati Abuneri we, mbega k’udakakaza! Abuneri aramwishura, at’ Uri nde, wewe uhamagara umwami?