Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Nuko rer’ Uhoraho abagirire ikigongwe ababere umwizigirwa; nanje nyene nzobishura ico kigongwe mwāgize, kuko mwāgenjeje murtyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:6
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi avyumvise aravuga, ati Nzogirira neza Hanuni mwene Nahashi, nk’uko se yangiriye neza. Nuko Dawidi arungika abantu bo kumugarukirako kuko yabuze se. Abo bantu ba Dawidi baragenda, bashika mu gihugu c’Abamoni.


Mbega ko waje ejo bundi, non’ uyu musi noshobora nte kukwemerera kuyererana natwe hirya no hino, ko ngiye kuja ahampaye uburyo hose? Subira inyuma, ujane na bagenzi bawe, Uhoraho akugirire imbabazi, akubere umwizigirwa.


None rero, mwigumye, mube abagabo: kuko Sauli shobuja yāpfuye, kand’ ab’ umuryango w’Abayuda banyimikishije amavuta ngo mbe umwami wabo.


Umwami aramubaza, ati Mbega mu nzu ya Sauli nta woba akiriho ngo ndamugirire neza kubg’ Imana? Ziba yishura umwami, ati Haracarih’ umwana wa Yonatani amugaye ibirenge.


Dawidi aramubarira, ati Mpore nta co utinya, kuko ntazobura kukugirira neza kubga so Yonatani, kandi nzogusubiza amatongo yose ya sogokuru Sauli, kand’ uzohora urīra ku meza yanje na ntaryo.


Izotuma iri mw ijuru inkize, Ūshaka kummira ni yantuka. Sela. Imana izotuma imbabazi zayo n’ukuri kwayo.


Uhoraho aca imbere yiwe, arīvuga, ati Nd’ Uhoraho, nd’ Uhoraho, Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, nteba kuraka, ngira ikigongwe cinshi, mpora nd’ umwizigirwa,


Abigenera ikibi mbega ntibaba bazimiye? Arikw abigenera iciza, imbabazi n’ukuri bizobazako.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama,


Hahirwa abagira imbabazi, kukw ari bo bazozigirirwa.


Abo bantu baramwishura, bati Ni mutatuvuga, amagara yacu mukijije natwe ntituzobura gukiza ayanyu. Maz’ Uhoraho ni yaduha iki gihugu, tuzokugirira neza, ntituzoguhemukira.


Nawomi abgira abakazana biwe bompi, ati Ni mugende, musubire mu mazu ya ba nyoko: Uhoraho abagirire neza, nk’uko mwagiriye neza abahisi, bo nanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ