Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Nuko Dawidi atuma intumwa ku b’i Yabeshi‐gileyadi, muti Muragahezagirwa n’Uhoraho, kubg’ ico kigongwe mwagiriye Sauli shobuja, mukamufuba!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:5
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ahezagira Aburamu, at’ Uragahabga umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi:


Aburamu yishura umwami w’i Sodomu, ati Narahiye Uhoraho mmanitse ukuboko, ni we Mana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi,


Mbega ko waje ejo bundi, non’ uyu musi noshobora nte kukwemerera kuyererana natwe hirya no hino, ko ngiye kuja ahampaye uburyo hose? Subira inyuma, ujane na bagenzi bawe, Uhoraho akugirire imbabazi, akubere umwizigirwa.


Dawidi araheza aragenda yaka abantu b’i Yabeshi‐gileyadi amagufa ya Sauli n’aya Yonatani umuhungu wiwe, ayo bāri bārīvye mu kibuga c’i Beti‐shani, ah’ Abafilisitiya bari barayamanitse, kuri wa musi bātsinda Sauli i Gilibowa.


Muhawe umugisha n’Uhoraho, Yaremye ijuru n’isi.


Abo bantu baramwishura, bati Ni mutatuvuga, amagara yacu mukijije natwe ntituzobura gukiza ayanyu. Maz’ Uhoraho ni yaduha iki gihugu, tuzokugirira neza, ntituzoguhemukira.


Ni kwo kubazanya, bati Harya har’ abo mu miryango y’Abisirayeli boba batādūze gushengerera Uhoraho i Misipa? Basanga kw ata muntu n’umwe yavuye i Yabeshi‐gileyadi ngw aze aho bashagaje mw ikoraniro ryabo,


Nawomi abgira abakazana biwe bompi, ati Ni mugende, musubire mu mazu ya ba nyoko: Uhoraho abagirire neza, nk’uko mwagiriye neza abahisi, bo nanje.


Nawomi abgira umukazana wiwe, at’ Uhoraho atāsizeho kugirira neza abakiriho n’abāpfuye, arakamuhezagira! Nawomi arongera aramubgira, at’ Uwo mugabo n’uwo mu muryango wacu wo hafi, n’umwe wo mu bacunguzi bacu.


Aramwishura, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho, mukobga wanje; ineza werekanye none iruta iyo werekanye ubga mbere, kuk’ utārondeye imisore, ar’ aboro cank’ abatunzi.


Maze Nahashi umwami w’ Abamoni aradūga, asagaza inyuma y’i Yabeshi‐gileyadi. Ab’i Yabeshi bose baramubarira, bati Duhe isezerano ryo kuduhāngaza, natwe tuzogusaba.


Maze babarira za ntabaza, bati Mubarire ab’i Yabeshi‐gileyadi, mut’ Ejo ku gasase bazobatabara. Nukw izo ntabaza zije, zibibgira ab’i Yabeshi, baranezerwa.


Maze Samweli ashikīra Sauli; Sauli aramubarira, at’ Uragahezagirwa n’Uhoraho! Ico Uhoraho yambariye nāgishikije.


Sauli arabishura, ati Muragahezagirwa n’Uhoraho kuko mwambabaye!


Mbeg’ umuntu yobona umwansi wiwe, agaheza agapfa kumureka akīgīra? Uragahabga ingororano nziza n’Uhoraho, ku vy’ unkoreye uyu musi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ