Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bukeye abantu b’i Buyuda baraza, bahimikira Dawidi bamusutsekw amavuta, ngw abe umwami w’ umuryango w’Abayuda. Bukeye babarira Dawidi, bat’ Ab’i Yabeshi‐gileyadi ni bo bāhamvye Sauli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:4
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye umwami Dawidi atuma kuri Sadoki na Abiyatari abaherezi, uti Ni mubaze abakuru b’ Abayuda, muti N’iki gituma ari mwebge mugiye guherukira abandi kugarukana umwami i we? Muti Kukw inama y’Abisirayeli bose yo kumugarukana i we yamaze kumushikīra.


Abayuda bose baca bishura Abisirayeli, bati N’uk’ umwami ari twebge dufitaniye akamwe ko hafi. Non’ ivyo ni vyo bibaratsa? Har’ ico yatugaburiye tukabacura? Canke yoba yatugabiye?


Kandi Dawidi igihe yamaze i Heburoni ar’ umwami w’umuryango w’ Abayuda, n’imyaka ndwi n’amezi atandatu.


None rero, mwigumye, mube abagabo: kuko Sauli shobuja yāpfuye, kand’ ab’ umuryango w’Abayuda banyimikishije amavuta ngo mbe umwami wabo.


Maze babarira Dawidi ivyo Risipa yakoze, umukobga wa Aya, incoreke Sauli yari yaragize umugore.


Dawidi araheza aragenda yaka abantu b’i Yabeshi‐gileyadi amagufa ya Sauli n’aya Yonatani umuhungu wiwe, ayo bāri bārīvye mu kibuga c’i Beti‐shani, ah’ Abafilisitiya bari barayamanitse, kuri wa musi bātsinda Sauli i Gilibowa.


Maz’ Abafilisitiya bumvise ko Dawidi yimikishijwe amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, Abafilisitiya bose baradūga baja kumuhīga. Dawidi avyumvise aramanuka aja mw isenga.


Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuk’ umwami Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli.


Yamaze imyaka ndwi n’amezi atandatu i Heburoni, aganza Abayuda; i Yerusalemu na ho ahamara imyaka mirongwitatu n’itatu, aganza bose Abisirayeli n’Abayuda.


Maze Yehoyada asohokana uwo mwana w’umwami, amwambika igitsibo c’ubgami amuha n’Ibishinga intahe. Nuko bamwimikisha amavuta, bamugira umwami; maze bakoma amashi, baravuga, bat’ Umwami n’ahangame!


Maz’ ab’i Yabeshi‐gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sauli vyose,


Uko ni kw abashingantahe bose b’Abisirayeli bāshengereye umwami i Heburoni; nuko Dawidi asezeranira na bo isezerano imbere y’ Uhoraho i Heburoni nyene; bamwimikisha amavuta ngw abe umwami w’Abisirayeli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yavugiye muri Samweli.


Iki ni co gitigiri c’imice y’ingabo zaje gushengerera Dawidi i Heburoni zitwaje ibirwanishwa, ngo zimusubize ku ngoma ya Sauli, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze.


Nuko Samweli aca yābīra rya hembe ry’amavuta, ayamusukako bakuru be bamukikije. Kuva uwo musi Mpwemu w’Uhoraho yama aza kuri Dawidi akābushūngwe. Nuko Samweli arahaguruka, asubira i Rama.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ