Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Nuko baterura Asaheli, baramujana bamuhamba i Betelehemu mu mva ya se. Yowabu n’ingabo ziwe baraheza bagenda ijoro ryose; buca bashitse i Heburoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:32
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw igihe co gupfa kwa Isirayeli kiri hafi, ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, ndakwinginze, n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, wemere kunyobokera, no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’ umpambe muri Egiputa:


ariko ni nagera guhamvya ba sogokuru, uz’ unkūre muri Egiputa, umpambe mw isenga yabo bāhambgemwo. Aramwishura, ati Nzogenza uk’ umbariye.


Arikw ingabo za Dawidi zari zishe abantu amajana atatu na mirongwitandatu mu Babenyamini no mu ngabo za Abuneri.


Bukeye imiryango yose y’ Abisirayeli ija i Heburoni kwa Dawidi, baramubarira, bat’ Ehe rāba, tur’ akara kamwe n’amaraso amwe.


Bamuhamba mu mva yiwe yiyimbishirije mu gisagara ca Dawidi, bamurambika ku buriri bguzuye ibintu bitāmirana n’ ibintu bimoga vy’amoko yose, vyinjijwe n’abahinga bābimogoreye; bamwosereza imibavu myinshi cane.


Maze Yehoshafati ahamvya ba sekuruza, ahambga hamwe na bo ku murwa wa Dawidi; maz’ umuhungu wiwe Yehoramu asubira ku ngoma yiwe.


Ni wabona umuntu w’umunyamwete mu vyo akora, Ben’ uyo azokorera abami, Ntazokorera ba nyarucari.


Nuko Gideyoni mwene Yowasi apfa yīsāziye neza, bamuhamba mu mva yahambgemwo se Yowasi, ku musozi Ofura w’Ababiyezeri.


Sauli aramubaza, ati Harya uri mwene nde, ga wa muhungu? Dawidi aramwishura, ati Nd’ umwana w’umusavyi wawe Isayi w’i Betelehemu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ