31 Arikw ingabo za Dawidi zari zishe abantu amajana atatu na mirongwitandatu mu Babenyamini no mu ngabo za Abuneri.
Yowabu na we arahindukira, areka gukurikirana Abuneri; amaze gukoranya ingabo zose za Dawidi, asanga habuzemw’ abantu cumi n’icenda bo na Asaheli.
Nuko baterura Asaheli, baramujana bamuhamba i Betelehemu mu mva ya se. Yowabu n’ingabo ziwe baraheza bagenda ijoro ryose; buca bashitse i Heburoni.
Nuko haba intambara kumara igihe kirekire hagati y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi; Dawidi agenda arushiriza kuba agahambaye, arikw ab’ inzu ya Sauli bo bagenda bashira inkomezi.
Umwami w’Abisirayeli arabishura, ati Mumubgire, mut’ Ūcambara ibirwanishwa aja kurwana, muti Ntaze yihaye nk’ūvyambura avuye kunesha!