Maz’ uwo mugore aja mu bantu bose ajanye inama y’ubgenge; na bo baragenda baca izosi Sheba mwene Bikuri, bashiburira Yowabu umutwe wiwe. Na we araheza avuza inzamba, abantu bose bava ku gisagara, baratandukana, umuntu wese ataha i we. Yowabu na we atabarukira i Yerusalemu i bgami.