Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Maze Abuneri atera akamo Yowabu, aramubaza, ati Mbeg’ inkota izokwama iririka na ntaryo? Ntuzi yukw amaherezo hazovamw’ intuntu? None mbeg’ uzogeza ryari kutabogoza abantu ngo bave inyuma ya bene wabo?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:26
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi yishura iyo ntumwa, at’ Uz’ ubarire Yowabu, ut’ Ivyo ntibikubabaze, uti Kukw inkota mu kwica ipfa uwo ihubiyeko; uti None rero shimika, uvyure akanyarigabo mu kurwanya ico gisagara, ukineshe. Ukw abe ari k’umurindisha.


Abuneri abarira Yowabu, at’ Abasore ni bave hasi, bakinishe inkota twirorērere. Yowabu at’ Ego me ni bave hasi.


Bose barasūmirana, umuntu wese asūmira agakanu ka mugenzi we, bazibagurana inkota mu mbavu; bacurikirana hamwe. Ni co catumye aho hantu bahīta Helukati‐hasurimu: ni hafi y’i Gibeyoni.


Maz’ Ababenyamini biyegeraniriza kuri Abuneri, bīrema akarwi kamwe, batonda ku mpinga y’umusozi.


Yowabu aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Imana, iy’ utagira ico uvuga, bgari kurinda buca abantu batarareka gukurikirana bene wabo.


ati Muzogeza ryari kurondera amajambo? Ni mwiyumvire, hanyuma tubone kuvuga.


ati Muzogeza hehe kubabaza umutima wanje, Mukamvunaguza amagambo yanyu?


Mwa bana b’abantu, muzogeza hehe gutitura icubahiro canje? Muzogeza hehe gukunda ibitagira ikimazi no kwitwaririka ivy’ ibinyoma? Sela.


Gutangura imitongano ni nko kugomorora amazi, Nuko reka ibirake utarasinda.


Na ho ni mwanka mukagarariza, inkota izobarya: kukw akanwa kanje Uhoraho ari ko kabivuze.


Abanyazi baserutse ku mpinga zose mu ruharabuga: kukw inkota y’Uhoraho iriritse, uhereye ku mpera y’igihugu ugashitsa ku yindi: nta muntu n’umwe afise amahoro.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Nzogeza ryari kubona ibendera, no kwumva ijwi ry’inzamba?


Kuk’ uwo musi ar’ uw’ Umwami, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo, ar’ umusi wo kwīhōrako, kugira ngo yīhōre abarwanizi biwe: inkota izorya ihāge, izonywa amaraso yabo ihīmbe: kuk’ Umwami, ari we Uhoraho Nyen’ ingabo, acumitira ibimazi mu gihugu c’i burārūko ku nkengera y’uruzi Efurate.


Muvugire muri Egiputa, muvyamamaze i Migidoli, muvyamamaze n’i Nofu n’i Tahapanesi, muti Mutonde, mwitegure, kukw inkota yariritse impande zose zigukikije.


Inkota izogwa ku bisagara vyabo, izohimbagura imyugariro yabo, iyiherengeteze, bazize imigabo yabo.


Bukeye bg’aho, asanga abarwana, ageza kubatātūra, ati Yemwe bagabo, mur’ umuryango umwe, n’iki gitumye mugiriranira nabi?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ