25 Maz’ Ababenyamini biyegeraniriza kuri Abuneri, bīrema akarwi kamwe, batonda ku mpinga y’umusozi.
Ariko Yowabu na Abishayi bakurikira Abuneri; izuba rirenga bafashe ku musozi Ama, urābana n’i Giya ku nzira ija mu bugaragwa bg’i Gibeyoni.
Maze Abuneri atera akamo Yowabu, aramubaza, ati Mbeg’ inkota izokwama iririka na ntaryo? Ntuzi yukw amaherezo hazovamw’ intuntu? None mbeg’ uzogeza ryari kutabogoza abantu ngo bave inyuma ya bene wabo?