Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ariko na ho nyene yanka gukebereza i ruhande, bituma Abuneri amuzibura umuhunda w’icumu ku nda, riseruka inyuma, Asaheli yikubita hasi, agwa aho nyene. Maz’ abantu bashitse aho Asaheli aguye, baca bahagararaho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:23
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko Yowabu na Abishayi bakurikira Abuneri; izuba rirenga bafashe ku musozi Ama, urābana n’i Giya ku nzira ija mu bugaragwa bg’i Gibeyoni.


Ariko Amasa ntiyagira ico yibaza ku nkota Yowabu yar’ afise mu ntoke; nuko Yowabu ayimuzibura ku nda, amara yiwe asēseka hasi, ntiyarinda kugereka ubga kabiri; nukw arapfa. Maze Yowabu na Abishayi murumuna we bakomeza guhīga Sheba mwene Bikuri.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Uko ni ko Yowabu na Abishayi murumuna we bishe Abuneri, kuko yari yatsinze murumuna wabo mu ntambara y’i Gibeyoni.


Kand’ incoreke ikumīra yari yamye aragosora ingano, iterwa n’itiro, irasinzira; nuko Rekabu na Bayana mwene nyina babona akaryo ko kwinjira.


Igihe umwami Dawidi yaja i Yerusalemu n’ingabo ziwe gutera Abayebusi, ari bo bamye ar’ inyamo z’ico gihugu, Abayebusi baramubarira, bati Ntuzopfa ushitse ngaha, kuko naho boba impumyi n’ibimuga bokwiyamiriza! Kuko bari bibgiye, bati Dawidi ntiyoshobora gushika ino.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ