Abuneri aramubarira, ati Kebereza i buryo cank’ i bumoso, ugire uwo mu misore ufata, abe ari we wambura ibirwanishwa vyiwe. Ariko Asaheli yanka gukevya ngw amuve inyuma.
Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.