20 Maze Abuneri akebutse inyuma, aramubaza, ati Mbega ni wewe ga Asaheli? Na we aramwishura, ati Ni jewe.
Maze Asaheli yōma kuri Abuneri, adakebereje i buryo cank’ i bumoso ngw amuve inyuma.
Abuneri aramubarira, ati Kebereza i buryo cank’ i bumoso, ugire uwo mu misore ufata, abe ari we wambura ibirwanishwa vyiwe. Ariko Asaheli yanka gukevya ngw amuve inyuma.