Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Maze Asaheli yōma kuri Abuneri, adakebereje i buryo cank’ i bumoso ngw amuve inyuma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:19
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ abana ba Seruwiya ukw ari batatu, Yowabu na Abishayi na Asaheli, ni ho bāri; kandi Asaheli yar’ impayamaguru nk’ingeregere yo mw ishamba.


Maze Abuneri akebutse inyuma, aramubaza, ati Mbega ni wewe ga Asaheli? Na we aramwishura, ati Ni jewe.


Abuneri aramubarira, ati Kebereza i buryo cank’ i bumoso, ugire uwo mu misore ufata, abe ari we wambura ibirwanishwa vyiwe. Ariko Asaheli yanka gukevya ngw amuve inyuma.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Uko ni ko Yowabu na Abishayi murumuna we bishe Abuneri, kuko yari yatsinze murumuna wabo mu ntambara y’i Gibeyoni.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza, agendera mu ngeso nziza zose za sekuruza Dawidi, ntiyatambamira i buryo cank’ i bumoso.


Ntugatambamire i buryo cank’ i bumoso: Ukūre ikirenge cawe mu kibi.


Mugabo shikama, ushire amanga cane, kugira ngo witondere ivy’ ivyagezwe vyose bivuga, ubishitse, ivyo Mose umusavyi wanje yakugeze; ntuz’ utambamire i buryo cank’ i bumoso, kugira ng’ ugire ukuboko kwiza ah’ uja hose.


Nuko rero ni mugumye imitima, mushikame, mubone kwitondera no gushitsa ivyanditswe vyose mu gitabo c’ivyagezwe vya Mose, kugira ngo ntimukikamire i buryo cank’ i bumoso, ngo mubiveko,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ