Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




2 Samweli 2:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kand’ abana ba Seruwiya ukw ari batatu, Yowabu na Abishayi na Asaheli, ni ho bāri; kandi Asaheli yar’ impayamaguru nk’ingeregere yo mw ishamba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




2 Samweli 2:18
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.


Bukeye Yowabu umwana wa Seruwiya amenya k’ umwami afitiye inkumbu Abusalomu.


Maze Asaheli yōma kuri Abuneri, adakebereje i buryo cank’ i bumoso ngw amuve inyuma.


Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’ impongokazi, Impagarika ku dutwe tw’ imisozi yanje.


Asaheli murumuna wa Yowabu yar’ umwe muri bamwe mirongwitatu, hamwe na Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu,


Ikindi, urazi ivyo Yowabu umwana wa Seruwiya yangiriye, n’ivyo yagiriye ba bagabisha bompi b’ingabo z’Abisirayeli, Abuneri mwene Neri na Amasa mwene Yeteri, abo yishe, amaraso yaviriye mu ntambara akayahōra mu gihe c’impore, akīyandurisha amaraso y’abatācumuye, akamutarukira ku mukanda no ku nkweto.


Kand’ abahizi bo mu ngabo ziwe bar’ aba: Asaheli murumuna wa Yowabu, na Eluhanani mwene Dodo w’i Betelehemu;


Kandi no mu Bagadi, abīherereje ku ruhande rwa Dawidi, igihe yari mw isenga mu bugaragwa, bār’ abantu b’abahizi, bīze ivyo kurwana, bazi uburyo bgo gutwara inkinzo n’amacumu, bateye ubgoba nk’intambge, biruka nk’ingeregere iyo ziruka ku misozi;


ni bo aba: umukuru ni Ezeri, uwa kabiri ni Obadiya, uwa gatatu ni Eliyabu,


Asaheli murumuna wa Yowabu ni we yar’ umugabisha agira kane wo mu kwezi kwa kane; Zebadiya umuhungu wiwe ni we yamusubiriye mu gishingo; ingabo zu ku rubu rwiwe zār’ ibihumbi mirongwibiri na bine.


Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’ impongokazi, Impagarika ku dutwe tw’imisozi yanje.


Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’ abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’ abahanga kw atari bo batona; arikw ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.


Garuka, mukunzi wanje, umere nk’ingeregere canke nk’umukangara w’impongo Wo ku misozi y’i Beteri, Igihe ca ni musi kitarashika, ibitūtu vyo ku kirengazuba bitarazimangana.


N’unyaruke, mukunzi wanje, Umere nk’ingeregere canke nk’umukangara w’impongo, Wo ku misozi ibakw imibavu.


Ūbangutse azobura ukw ahunga, n’umuhizi nta co ubuhizi bgiwe buzomumarira, n’intōre ntizoruha yikiza;


Uhoraho, Umwami, ni we nkomezi zanje; Ni we ahindura ibirenge vyanje nk’ivy’ impongokazi, Kand’ azompa gutambagira ku dutwe tw’imisozi yanje. Vyahawe umukuru w’abaririmvyi: bavugira inanga zanje.


Maze Dawidi abaza Ahimeleki Umuheti na Abishayi umwana wa Seruwiya, murumuna wa Yowabu, ati Ni nde yomanukana nanje aho Sauli ashagaje? Abishayi aramwishura, ati Jewe turajana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ