17 Uwo musi haca haba intambara ihambaye cane; Abuneri n’Abisirayeli baraneshwa, bahunga abantu ba Dawidi.
Abuneri abarira Yowabu, at’ Abasore ni bave hasi, bakinishe inkota twirorērere. Yowabu at’ Ego me ni bave hasi.
Bose barasūmirana, umuntu wese asūmira agakanu ka mugenzi we, bazibagurana inkota mu mbavu; bacurikirana hamwe. Ni co catumye aho hantu bahīta Helukati‐hasurimu: ni hafi y’i Gibeyoni.
Nuko haba intambara kumara igihe kirekire hagati y’ab’ inzu ya Sauli n’ab’ iya Dawidi; Dawidi agenda arushiriza kuba agahambaye, arikw ab’ inzu ya Sauli bo bagenda bashira inkomezi.
Gutangura imitongano ni nko kugomorora amazi, Nuko reka ibirake utarasinda.