Nuko bava hasi, baraza barahūra, baringanije igitigiri: abo ku ruhande rw’Ababenyamini na Ishibosheti mwene Sauli bar’ icumi na babiri, kand’ abo ku ruhande rwa Dawidi na bo bar’ icumi na babiri nyene.
Bose barasūmirana, umuntu wese asūmira agakanu ka mugenzi we, bazibagurana inkota mu mbavu; bacurikirana hamwe. Ni co catumye aho hantu bahīta Helukati‐hasurimu: ni hafi y’i Gibeyoni.